Léonce NGENDAKUMANA: “ Ubu Si Co Gihe Co Guhindura Ibwirizwa Shingiro”.

0

Icegera c’ Uwurongoye Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU, Léonce NGENDAKUMANA, avuga ko adashigikiye ihindurwa ry’ibwiriza Shingiro ririko riraba.

“Uyu mwanya wahisemwo nabi ku buryo hohindurwa ibwirizwa Shingiro turavye ibihe bigoye Uburundi buriko buracamwo mu vya politike no mu vyubutunzi”, niko Léonce Ngendakumana asigura.

Kuri we, icoza imbere nuko horangizwa ubwa mbere amakuba abarundi bariko bacamwo na cane cane ‘guhohotera agateka ka zina muntu, ubwicanyi, ubwicanyi ndengerabutungane, ukuntu Uburundi bwakumiwe mu makungu hamwe n’ibindi bibazo bihanze igihugu’.

Léonce NGENDAKUMANA

Abandanya avuga ko ubutunzi bw’igihugu bwogarukirwa, indero mu Burundi ikanagurwa kuko isa niyamaze guta agaciro.

NGENDAKUMANA abandanya avuga ko ubutegetsi bwagerageje guhindura Ibwirizwa Shingiro mu mpera z’umwaka wa 2013, ariko ko Inama Nshingamateka imaze kuyaga n’inzego zashizweho zose, amadini hamwe n’amakungu, vyagaragaye ko Ibwirizwa Shingiro hatari bwagere ko rihinduka hatabanje kwihweza Amasezerano y’I Arusha.

NGENDAKUMANA abandanya amenyesha ko hoba umwumvikano hama hakarekwa ivyo kwigumiza ku butegetsi.