Leonce NGENDAKUMA arashima uko ibiganiro vy’i Arusha vyatunganijwe

0

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA-Frodebu Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko bibabaje kuba Reta y’Uburundi ititavye ibiganiro biheruka kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko muri rusangi ibiganiro vyagenze neza, kandi agashima ingene umuhuza Benjamin Mkapa yatunganije ingene abitavye ibiganiro baganira, hisunzwe abitavye.

Icegera c’umukuru w’Umugamwe SAHWANYA-FRODEBU avuga ko umuhuza Benjamin Mkapa yatumiye abegwa vy’ukuri n’ibibazo vya politike biri mu Burundi, bitandukanye n’uko yahora abikora.

Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko hari icizere ko inama y’abakuru b’ibihugu itegekanijwe mu mpera z’ukwezi kwa Ruhuhuma, izokwiga uko ibiganiro bihuza abarundi vyobandanya.