LAUDIT MAVUGO YARAYE AHAYE INTSINZI UMUGWI NSERUKIRA GIHUGU W’UBURUNDI INTAMBA MU RUGAMBA

0

Uugwi nserukira gihugu w’uburundi INTAMBA MU RUGAMBA waraye utsinze umugwi nserukira gihugu wa Ethiop[ie ibitsindo 2-0,ibitsindo vyatsinzwe na Laudit Mavugo mu rukino rwaraye rubereye ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore.
Umugwi nserukira gihugu w’uburundi ukaba waronse intsinzi itanezereje abakunzi b’umupira w’amaguru kuko uyo mugwi vyabonetse ko urushwa cane n’umugwi nserukira gihugu wa Ethiopie naho utaronse intsinzi ku munsi w’ejo.
intamba
Umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi Abdelmalek akaba yarasohowe mu kibuga n’umusifuzi w’ugwo rukino bivanye n’imitwarire mibi uyo mumenyereza yerekanye.
Tworangiza tubamneyeshako urukino rwo gusubiriza ruzobera mu gihugu ca Ethiopie kw’igenekerezo rya 25/10/2015,umugwi uzotsinda ukazoca uja mu marushanwa ya CHAN azobera mu gihugu c’urwanda.