Laudit Mavugo ntakivuye muri Vitalo’o Fc

0

Umusatirizi akomeye cane w’umugwi wa vitalo n’umugwi nserukira gihugu w’uburunsi ariwe Laudit Mavugo ntakivuye mu mugwi wa vitalo fc nkuko benshi bari bamaze iminsi bavyifuza
mavugo
Nkuko rero amakuru dukesha uwusanzwe arongoye uyo mugwi wa vitalo fc ariwe Benjamin Bikorimana yamenyesheje ko uyo mukinyi laudit Mavugo atakivuye muri uyo mugwi yerekeza mu mugwi wa simba nkuko benshi bari bamaze iminsi bavyibaze,Benjamin Bikorimana akaba yavuze ati:Nivyo mu mwaka uheze uyo mugwi wa simba wo mu gihugu ca tanzania twaravuganye nawo uvuga ko ukeneye uyo mukinyi ariko hari ivyo twabasavye batarashikana urumva rero ko uyo mukinyi ari uwa vitalo mu gihe ivyo twumvikanye batarabishikana

Tworangiza tubamenyesha ko Laudit Mavugo yamaze gushirwa no ku rutonde rw’abakinyi ba vitalo fc bazokinishwa muri iri higanwa rigiye gutangura