Landry yatowe ikiziga hafi y’ikirindiro c’abaporisi

0

Landry ni umusore yahora aba muri zone ya Musaga, ikiziga ciwe kikaba catowe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, hafi y’ikirindiro c’abaporisi cegereye ibiro vya zone Musaga.

Uwo musore batazira London yahora aba ku Musaga kw’ibarabarav rya gatatu, akaba yagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana. Abanyagihugu bo ngaho ku Musaga bemeza ko uwo Landry yiciwe kw’ibarabara rya gatatu ku Musaga, ikiziga ciwe abamugandaguye baca baramukwega, bamwegereza ahari ikirindiro c’abaporisi. Abanyagihugu bayaze n’ikinyamakuru UBM news bakaba bamenyesheje ko abamwishe bashatse ko yoca yagirizwa ko yari agiye gutera ico kirindiro c’abaporisi.

cada

Ikindi kiziga catowe muri zone ya Gihosha, akaba ari ic’umugore yari yambaye neza, abamwishe bakaba batamwivye umugufu w’inzahabu yari yambaye mw’izosi, hamwe n’amahereni. Ico kiziga c’umuntu atamenyekanye catwawe mu buruhukiro bw’ibitaro Roi Khaled mu Kamenge.

dame

Abandi bantu babiri baritavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, mu gitero ca gerenade zitatu zatewe mu bunywero bita WhatsApp buri kw’ibarabara rya gatandatu inomero 51 muri zone. Bamwe mubari aho hantu bavuga ko batanguye kwumva amasasu mu micungararo, ata n’akanya kahaciye baca bumva gerenade zitatu ziraturitse zitewe aho nyene muri ako kabare. Hapfuye abantu babiri, batanu barakomereka, babiri muribo akaba aribo bakomeretse cane, bakaba bariko bavurirwa muri Croix Rouge.