Alex Bikorimana umukinyi wama Film atuye mubu Holandi ariko akaba yaje ava mu Rwanda, amenyesha abantu bose yuko Film nshasha aheruka gusohora ko izoja hanze muruku kwezi kumunani.
Nkuko yabitangarije runo rubuga rwa UBMNews, Alex yabanje kudushimira kuruhare dutanga rwo kwamamaza abahanzi, aho muncamake yagize ati :
Mbanje kubashimira kuruhare mutanga kwamamaza abahanzi hamwe ninkuru zigezweho, nkaba ndumwe mubakunzi basoma uru rubuga, nkuko nabivuze jewe banyita Alex bikorimana nkaba nkomoka murwanda ariko ubu nkaba mbarizwa MUBUHOLANDI. nandikiye uru rubuga shaka kwiyamamaza kuko natangiye umwuga wubuhanzi ( filime ) muri 06-09-20II nfatanyije nabagenzi banje, ubu tukaba muruku kwezi kwa 7 twarasohoye filme yambere kandi iyi filime izaja hanze mukwa 8 guhera ikazaba yitwa ” UMUZANIAYE KUMBE SIYE ”
Kubakunzi mwese benshi mukunda UBMNews, tubemereye ko tuzobazanira vyinshi bijanye nuno mukinyi ” Alex Bikorimana ” aho muzobasha kumenya vyinshi bijanye nintambwe bagezeho mugukina Film.
Raba Trailer yiyo Movie Hano musi !
Recent Comments