UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Kuvyerekeye umwidegemvyo wa ” Karaveri Mbonimpa ” Soma hano umenye umunsi bazomurekurirako !

UBM News ads

Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bashobore gusigurira abacamanza ko urubanza rwa Mbonimpa rudashobora kuburanishwa mu ntahe y’icese uwo baburanira agipfunzwe, kandi amategeko amuha uburenganzira bwo kuburana yidegemvya. Urubanza rwashizwe mu mwiherero.

Abantu isinzi bari bitavye akamo kari katewe n’ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa ko kuzokwishikira kwumviriza ukuri kuvyashikirijwe mu bijanye n’imyimenyerezo ya gisirikare bivugwa ko ikorerwa mu butaka bwa Rpuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ku muryango w’ubwinjiriro bwa sentare, hamwe n’imbere muri sentare, hakaba hari umuporisi yambaye umwambaro w’igiporisi yaguma afata amasanamu y’abaje gushigikira Petero Karaveri Mbonimpa.

Nk’igihe c’isaha zitanu zibura iminota cumi, Petero Karaveri Mbonimpa niho yashikanwa kuri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura, ari wenyene mu kiduga kinini cunguruza abanyororo (fourgon). Yakiriwe n’abantu benshi cane bari baje kumushigikira, harimwo n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi. Abantu bari benshi ku buryo uruja n’uruza ku mabarabara yegereye iyo sentare rutari rworoshe kubera ubwinshi bw’abantu. Bakimubona baciye batangura kuririmba indirimbo zirimwo amajambo avuga ko borekura uwo mutama Mbonimpa.

Urubanza rugitangura, uwaserukiye Reta muri urwo rubanza (Ministere Public), ariwe Arcade Nimubona asanzwe ariwe mushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura yibukije Petero Karaveri Mbonimpa ivyaha yagirizwa arivyo : uguhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, hamwe n’ugukoresha amasanamu (photos) atariyo ku makuru yavuze ko hari urwaruka rw’abarundi rujanwa mu myimenyerezo ya gisirikare muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abacamanza bane bari bashashe muri urwo rubanza basavye Petero Karaveri Mbonimpa ko yokwiregura kuvyo yagirizwa, nawe abasigurira ko adashobora kuburana atarahabwa umwidegemvyo vy’agateganyo nk’uko abirekurirwa n’amategeko, kuko arenza imyaka 60, kandi arwaye. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa ntibashoboye kwemera ko urwo rubanza rutangura kuburanishwa mw’ido n’ido, kubera utwo tunenge tutarakosorwa.

Umushingwamanza Antoine Nzobandora, ari nawe yari arongoye umurwi w’abashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, yibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, kandi akaba arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Umushingwamanza Antoine Nzobarinda yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane, aho mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 65 y’amavuka. Abo bashingwamanza bemeye ko naho vyoba bikenewe, ingwati yotangwa, ariko uwo baburanira agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo arekurirwa n’amategeko.

Nk’uko abo bashingwamanza babandanije babisigura, bariyemerera ko bafise ivyagiriji bikwiye, n’amasura yerekana ko ivyo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH yashirije arivyo, ariko bagasaba ko yobanza guhabwa umwidegemvyo, akaba ariho babona kuja mw’ido n’ido y’urubanza, uwo baburanira atakiri mu munyororo. N’aho Arcade Nimubona, umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura, akaba ari nawe yari yaserukiye Reta muri urwo rubanza, yabandanije gusaba ko urwo rubanza rwoburanishwa Petero Karaveri Mbonimpa akiri mw’ibohero, abo bacamanza baciye bafata ingingo y’ukurushira mu mwiherero. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa biyemeje kuzana kuri uwu wa mbere ivyemeza ko arwaye, sentare ikaba izoca imenyesha inyuma y’amasaha 48 ingingo yafashe ku vyerekeye umwidegemvyo wohabwa Petero Karaveri Mbonimpa. Mu kurindira ingingo izofatwa, yaciye asubizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Tubibutse ko muri urwo rubanza, batatu mu bantu batanu Petero Karaveri Mbonimpa yari yavuze ko bapfiriye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bari bashikiye kwerekana ko bakiriho. Baherekejwe n’umushingwamanza wabo Emmanuel BURAKUVYE, abo bantu batatu bavuga ko baje gusaba indishi y’uko batanzwe mu mazina y’abapfuye, kandi bakiriho.


Batatu mu bantu vyavuzwe ko bapfiriye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bari baje kwerekana ko bakiriho. Baherekejwe n’umushingwamanza wabo Emmanuel BURAKUVYE (uwa mbere i buryo)

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments