Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsKuvyerekeye amatora yimirije yo 2015, ibi nivyo bintu bishasha bitangaje umukuru w'igihugu...

Kuvyerekeye amatora yimirije yo 2015, ibi nivyo bintu bishasha bitangaje umukuru w’igihugu yasavye ko vyokorwa !

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, kuri uwu wa kabiri yahimbaje imyaka ine asubiriye gutorwa mu kiringo ca kabiri c’ukurongora Uburundi. Ku myaka ine amaze arashima intambwe Uburundi bugezeko, agahamagarira abarundi kwijukira ibikorwa n’ukwitegurira amatora yimirije mu mwaka w’2015.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagarira abarundi bose gukora, bisunge umugambi w’igihugu werekana uko igihugu c’Uburundi kizoba kimeze mu mwaka w’2015, bongere bafatire kuri wa mugambi wo kurwanya ubukene. Kugira abarundi bashike kw’iterambere bipfuza, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko Reta yakoze ibishoboka vyose ikorohereza abanyamitahe mu bitari bike, na cane mu kugabanya umwanya n’ibisabwa kugira umuntu ashinge ishirahamwe, aronke impusha zo kwubaka canke urupapuro ndangatongo.


Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Petero Nkurunziza avuga ko iterambere nyamukuru riva ku ndongozi nziza ziba zitorewe n’abanyagihugu, ari naco gituma yahamagariye abanyagihugu bose kwitegurira amatora, ariko amenyesha ko intambamyi nyamukuru zishobora gutoba amatora ari umutekano muke mu gihugu, ubumenyi buke n’ishaka rike vy’abanyeporitike, hamwe n’uburyo buke bwo kuyategura no kuyakurikirana gushika arangire. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwizeza ko amatora yo mu mwaka w’2015 azogenda neza kurusha ayandi yose Uburundi bumaze gutunganya muri kahise. Kubwa Petero Nkurunziza, umwizero w’uko ayo matora azogenda neza uri mu mahoro n’umutekano birangwa mu gihugu, imibonano hagati y’abanyeporitike imaze kuba kenshi, itorwa ry’amategeko agenga amatora, hamwe n’uburyo bwo kuyategura Reta iriko iratororokanya ibifashijwemwo n’abasanzwe bafasha Uburundi.

Mw’ijambo yashikirije ry’uguhimbaza imyaka ine amaze ku butegetsi ku kiringo ca kabiri, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umurwi ujejwe amatora, ko bokora ku buryo kwiyandikisha kw’abazokwitoza kwogera abakwije ibisabwa n’amategeko bose baronse amakarata karangamuntu. Petero Nkurunziza ati : ” Ariko n’abo bategura amatora baze barakira n’ivyiyumviro bifasha gutunganya neza amatora, kandi bitanzwe mu rupfasoni. Tukaba dusavye abanyamigambwe, cane cane urwaruka, kwirinda ingendo yose yodurumbanya amatora. ”

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments