Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsKuvyerekeye amatora y'imirije, Umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yatangirije abarundi ibintu bikomeye...

Kuvyerekeye amatora y’imirije, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatangirije abarundi ibintu bikomeye cane

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arashimishwa n’ukubona abegwa bose n’ikibazo c’amatora barakoranye kuri uwu wa kane kugira basuzumire hamwe ingene ukwandika abazotora mu 2015 kwagenze. Petero Nkurunziza amenyesha ko amatora ari ay’abarundi bose mu butandukane bwabo.

Petero

Abicishije ku rubuga rwiwe kuri uwu wa gatanu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ateye intege abanyeporitike hamwe n’abasanzwe bafasha Uburundi, abasaba ko bokomeza ibikorwa kugira Uburundi buzoje mu matora ahuza bose, ku mugaragaro kandi mu mutekano.

Petero Nkurunziza avuga ko bihimbaye kubona abantu bagera hafi ku majana abiri bakorana, kugira basuzume bari kumwe n’umurwi CENI utegura amatora, ingene igikorwa c’ukwandika abazotora cagenze, bongere barabe namba bikenewe ko abatashoboye kwiyandisha bokwongerwa ikiringo.
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ati : “Amatora si ay’umugambwe canke Reta, canke urundi rwego urwarirwo rwose. Amatora ni isango rikomeye ry’abarundi bose mu butandukane bwabo.”

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments