Kuvyerekeye amaradiyo yugawe kandi akongera agaturirwa, Willy Nyamitwe yagize ico avuga ” Raba hano

0

Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyeshamakuru mu biro vy umukuru w igihugu Willy Nyamitwe yatangaje kuri radio y’abafaransa RFI ko ikibazo c’amaradio 4 yaturiwe akugarwa mukwezi kwa gatanu guheze kidakwiye gutuma abantu bibaza k atamaradio akihari mu Burundi. Willy Nyamitwe yavuze ko ayo maradio 4 ariyo Bonesha fm, RPA, Isanganiro na radio television Renaissance yazize ibikorwa yaramaze iminsi akora vyo gushigikira abashatse gutembagaza ubutegetsi barongoye na general major Godefroid Niyombare.

nyamitwe

Avuga ko iyugururwa ryayo maradio ritari ejo canke hirya y’ejo kuko hari ibinyamakuru n’amaradio birenga 20 bikora ubu mu gihugu kandi akemeza ko bikora vyigenga. Naho biruko yamenyesheje ko ubutungane buriko burakora kurico kibazo ariko akavuga k budategerezwa gukorera kugitsure c’uyu canke uriya. Willy Nyamitswe avuze ivyo mugihe amakungu yose adahengeshanya gusaba reta y’uburundi kugurura amaradio 4 akomeye muyigenga yaturirwe akongera akugarwa n inzego za reta nkuko ababonye aho iryo bara ryagwa babivuga.

Kuva mukwezi kwa gatanu ntamuntu numwe yemerewe kwinjira mubigo vyayo maradio kuko hacunzwe n’igipolisi kumvo z’amatohoza nkuko vyashikirijwe n’umushikiriza manza mukuru wa republika. Abamenyeshamakuru batari bake barahunze abasigaye nabo bakorera kubwoba ntangere kubera umutekano wabo.
SRC : Bonesha