Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeLoveKutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?

Kutabona ubutinyanka bwawe igihe kirekire yoba ari ingwara ?

Kutaja mu butinyanka biratesha umutwe, cane cane iyo uziko ata mabanga mpuzabitsina wakoze kugira hoho wiyumvire ko woba wasamye. Turashobora kuvuga ko kutaja mu butinyanaka biba ikibazo iyo haheze amezi arenga 3 utarabona ubutinyanka bwawe.

Kubwa Muganga yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi Minani Pierre Gerard, iyo ngorane ubwayo singwara. Ni ikimenyesto c’izindi ngwara.

Turetse abakenyezi bakuze baciye imvyaro, umugore akiri muto ica mbere kimubuza kuja mu butinyanka n’uko aba yasamye, bitabaye ivyo rero biba ari ikimenyetso c’izindi ngwara.

Nk’ubu nk’akarorero nk’umukobwa yagwaye igituntu co mu gitereko birashika igitereko kikononekara naho inkabuzo ziba zikwiye ntaje mu butinyanka.

Igitereko kirafise ubwakiriro aho rero hubwakirro birashika iyo wagwaye igituntu canke bilaliziyoze canke iyindi ngwara isinzikaza bikonona igitereko cawe.

Ikindi kiri mu bituma umukenyezi ataja mu butinyanka ni igihe iyo umugore yakoroye inda canke akavyara akava amaraso menshi bakamukoropa cane igitereko ciwe kimererwa nabi, ivyo rero biratuma umukobwa atabona ubutinyanka ukwo ukwezi guheze. Hari n’igihe umukenyezi amara nimyaka nk’ine canke itanu ataja mu butinyanka. Biranagoye no kuvura n’uko ubu bisigaye bisa n’ivyaheze batakibigirira abakenyezi bibarutse.

Umugore agandaye, ababaye yabuze umuntu nawe nyene arashobora kubura ubutinyanka bwiwe. Abakenyezi bonze, abagira ikarashishi nyinshi cane birabashikira, mugabo bagabanije bigasubira bikaja ku murongo.

Hariho n’izindi ngwara z’abakenyezi zifata udusaho tw’imbuto, ivyo barabivukana aho usanga abo bakenyezi muribo bafise inkabuzo zo kugwara ingwara y’igisukari abo rero baronka ubutinyanka butandukanye gose, amaraso akayabona haheze nk’amezi atandatu aje naho akamara nk’idwi zitatu. Ni ingwara ibabaza, barabivukana ntibavyandura ni mvukanwa.

Muganga rero arabandanya ati hambavu y’ivyo rero, hari n’izindi ngwara zituma umukenyezi ataja mu butinyanka biva kugwara akenshi ziva ku nkabuzo zo mu mutwe, hari n’igihe rero tutaronka insiguro nyayo vy’ukuri tutaba tubona neza ico vyavuyeko.

Umukenyezi yitura Muganga ryari?

Ubutinyanka ni nk’umuzingi uguma uzunguruka uva ku bintu vyinshi, ku nkabuzo zo mumutwe, zo kudusaho tw’imbuto, n’ibindi.

Ica mbere n’uko namba wahora ubona umuzingi wawe ukora neza ukaba waja mu butinyanka neza ukabona uransimvye uraja kwa muganga ukaraba ko atari imbanyi, ica kabiri hari abakenyezi uwo muzingi urenga mugabo biza buri mezi abiri naho nyene ni sawa mu gihe biza ku gihe.

Abandi baba bafise umuziringi uhindagurika usanga biva ku kabonge canke imyitwarariko ashitse kwa muganga baraheza bakabarungika kuri barya baba barize ivy’inyifato. Ni ibisazwe hari igihe vyiheza wa muzingi ugasubira ukaja ku murongo, uko bigenda kwose ni ngombwa ko umukenyezi aja kwa muganga.

Umuntu afise iyo ngorane arasama?

Umuntu ataja mu butinyanka nta wa munsi twovuga urubuto rw’umugabo ruhura n’urwumugore uheza ngo uboneke mu yandi majambo ntavyo twita “Ovulation” biba.

Keshi umuzingi umara hafi ukwezi n’iminsi 28 hanyuma ubutinyanka bukamara hagati y’iminsi 3 n’iminsi 6 iyugiye munsi canke ukarenza ni ingorane haraheza rero hakaba ico twita “ovulation” hagati y’uyo muzingi barya baja mu butinyanka rimwe mu mwaka biragoye ko bagira ico bita “ovulation”. Si ukuvuga ko batazovyara mugabo biragora no guharura aho yosamira.

“Abakanyezi rero basazwe babona amaraso bisanzwe, umuzingi wabo uzunguruka neza, hanyuma akabona bukwi na bukwi birahagaze uwo araza kwa muganga tugaheza tukaraba ico vyavuyeko muga rero hari n’abandi rero baba baravutse bameze gutyo ugasanga uhereye mu buto bwabo babona amaraso gake abo rero nabo baragoye kuvura, barashobora gusama muga batevye canke naho bakabafasha mu kubaha inkabuzo zituma haba ovulation agaheza agasama.”, uko niko Muganga MINANI Pierre Gerard yanonosoye kuvura ingwara z’abakenyezi abishikiriza.

Barabivura bigakira?

Nk’uko twabibonye biravana nico biba vyavuyeko. Kubwa Muganga Minani, aho bidashoboka ko bavura ni igihe umukenyezi aba yavutse adafise igitereko kuko nayo nyene ni iyindi ngorane ituma umukobwa atabona ubutinyanka. Aho rero bimeze gutyo ngo ntawukosora Imana.

Muganga aranginza atera akamo abakenyezi ko mu kwirinda iyo ngorane ko ari kugira ubuzima bwiza umuntu agafungura neza akagira ikarashishi, ukinonora imitsi mugabo ntiwibabaze. Ikindi nuko iyo ngorane abakenyezi batoyifata minenerwe, umukenyezi ataja mu butinyanka ni ukuvuga ko ata “Ovulation” ib. Umukeyezi abonye bimushikiye bitahora bimushikira yonyarukira kwa muganga bakamurabira icabitumye gutyo ingorane igahera.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments