Monday, September 26, 2022
HomeNewsKurikirana umushingamateka ,Fabien Banciryanino, yubahutse kuvuga ku mugaragaro ibitahora bivugwa.

Kurikirana umushingamateka ,Fabien Banciryanino, yubahutse kuvuga ku mugaragaro ibitahora bivugwa.

Umushingamateka wo mu bwoko bw’abatutsi,Fabien Banciryanino, akomoka mu ntara ya Bubanza, yubahutse kuvuga ku mugaragaro ibitahora bivugwa mu kubaza ibibazo abategetsi b’Uburundi ku bibazo usanga bihitwamo kutabazwa n’abandi.

Umushingamateka Fabien Banciryanino yabajije umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umushikiranganji w’Ubutungane mu Burundi.

Ku bijanye n’ivyegeranyo vyama vyasohowe na ONU ku Burundi,uyo mushingamateka ahamagarira nyabuna Uburundi gukorana mu buryo bwuzuye na wa mugwi wa ONU ukora amatohoza mu Burundi.

Mukurikirane hano:

Ariko rero akaba yaratewe ubwoba n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, amaze kuvuga ayo majambo.

Fabien Banciryanino akaba yamenyesheje ko adatinya gupfa kubera yavugiye ku mugaragaro, kuko ku bwiwe, ‘n’abatavuze barishwe’.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...