UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Kuki dukenye amafranga y’agaciro kandi dufise ubutare bwinshi-Varisto Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu varisto Ndayishimiye arababazwa n’ikena ry’amafranga y’agaciro mu gihugu kandi igihugu cuzuyemwo ubutare bwinshi.Ndayishimiye Evariste abona ko abakozi bo mu bushikiranganganji bw’amasoko ntanganguvu,ubutare n’agataka baba bakwiye kuyerera hirya no hino barondera aboza kwimba ubutare ariko n’ukurya amahera yagusa ataco bariko barakora.Ibi yabishikirije ku musi w’ejo mu ntara ya gitega mu nyigisho zo gukunda no gukundisha igihugu ku ndongozi zose zagenywe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu kuvyerekeye imbona kazoza ya 20240-2060.


Mu gihe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 8 ruheshi 2024 abarundi bari baramutse bibuka imyaka 4 irangiye uwari imboneza yamaho mu mugambwe Cndd-Fdd,imboneza na kizigenza mu gukunda no gukundisha igihugu Petero Nkurunziza yitavye Imana,uyu musi ukaba kandi wahuriranye n’umusi mukuru wo gukunda no gukundisha igihugu aho abategetsi batari bake bahuriye mu ntara ya gitega mu nyigisho zatunganijwe n’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye kuvyerekeye imbona kazoza ya 2040-2060 ku ndongozi zose zagenywe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Muri izo nyigisho umukuru w’igihugu yarababajwe cane nuko uburundi bubura amahera y’agaciro kandi igihugu c’uburundi cuzuyemwo ubutare bwinshi.kuri we abona ko abakozi bo mu bushikiranganji bw’amasoko nyanganguvu ubutare n’agataka bahembwa amahera bicaye.

Varisto Ndayishimiye yagize ati:«Mu bushikiranganji buraba ubutare usanga hariyo abakozi barenga 1000 mugabo ntibashobora kutwereka n’ingene bashobora gushora n’ubutare bwogurwa umuriyoni w’amadorare naho woja kubabaza ubunyene kandi ubutare twirirwa turabuhonyanga ngaha eka bobo n’uguhembwa gusa.ntibishobora kwumvikana ingene dufise ubutare bwinshi dushobora gushora tukaronkamwo amahera y’agaciro mugabo abikorera ivyabo ntibazoza kubikora wewe utabahaye intumbero ngo ubereke mu bisanzwe ubushikiranganji bw’ubutare buba bwirirwa burayerera hose burondera abantu bashobora guhingura mugabo nobabwiza ukuru nk’ubutare bwa Malbre nibwo butare bworoshe cane guhingura kuko ninkakurya ubaza igiti mugabo sindabona ubushikiranganji buriko burayerera hirya no hino burondera bigeye kurondera umuntu yobutubazira.nuwihaye kububaza baca bamwaka igiturire agaca abiheba.»

Ibi abishikirije mu gihe igihugu c’uburundi kiriko kiraca mu bihe bigoye cane muvy’ubutunzi harimwo n’ikena ry’amahera mvamakungu vyatumye habura nuko igitoro gishobora kuboneka mu gihugu eka mbere n’ibinyobwa vy’ihinguriro Brarudi bica birakena.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments