UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Kugirango wigarurire umukunzi wawe ibihe vyose, ngibi hano ibintu 5 bisabwa umanze gukora

UBM News ads

Ukaba ushaka ko urukundo hagati yawe n’umukunzi wawe ruguma rumeze neza ugomba gukora ukwo ushoboye kwose ukaza uramwereka ko ari hejuru y’abandi bose ukabikora biciye muvyo umukorera ariko kandi biciye no muvyo umuganiriza .

Happy African American Man & Woman Couple

Nturindire k’umusi w’abakundana gusa (Valentine’s Day) kugira umugabo wawe umubwire amajambo aryoshe atuma abandanya kukwiyumvamwo gusumba kuko hariho iyindi misi 364 isigaye muyisanzwe igize umwaka. Aya ni amajambo aryohera abagabo iyo bayabwiwe n’abakunzi babo.Niwasamara abandi bakobwa canke abagore bakayamubwira uzosanga bamujanye.Ikinyamakuru grobagrint.com kivuga ko vyoba vyiza aya majambo uyamubwiye buri musi kugira urukundo rwanyu rubandanye rwiyongera aho kugabanuka.Naho twavuze ko ari abagore boyabwira abagabo,nico kimwe niyo abagabo bayabwiye abagore babo .Abatarubakana nabo nyene bashobora kuyabwirana kugira babandanye kubagarira urukundo rwabo.

young-black-couple

1.Ndagukunda.

Kubwira umugabo wawe canke umuhungu mukundana ko umukunda ntibiherera mu majambo gusa ahubwo bitegerezwa kubonekera no muvyo ukora canke ingene wigenza urikumwe nawe.Abagabo canke abahungu ni abantu boroshe badasaba ibintu bihambaye bakunda ko ubereka ko ubitayeho ukabereka ko ubashigikiye muvyo bariko barakora.Ereka umukunzi wawe ko umukunda azokwiyumvamwo ko afise agaciro imbere yawe ,ko akunzwe kandi ntuzoba wihenze.

2.Ndakwubaha.

Kwereka umukunzi wawe ko wubaha ivyiyumviro vyiwe ni ikinti gikomeye cane.Mwereke ko uriko uramwumviriza cane ureke gusamara mugihe ariko arakubwira ikintu kuko ni waja muvyawe ariko aravuga azoca abona ko ivyo ariko aravuga utavyitayeho.Niwahugira kuri telephone nko kuri whatsapp mugihe hari ivyo ariko arakubwira bizotuma abona ko hari abandi witayeho gusumba ivyo ariko arakubwira.Gerageza umutege amatwi kandi umwereke ko umwubaha haba muvyo avuga ndetse no muvyo akora ,wirinde kandi kumuciramwo mugihe ariko aravuga ngo umwicishe amajambo nkaho ivyo avuga atakigenda.

3.Ndagukeneye.

Abagore rimwe na rimwe cane cane abamaze kuvyara usanga batwagwa n’utuntu twinshi bariko barakora ,ariko gerageza wereke umugabo wawe ko ukeneye ko akuba hafi kugira agufashe muvyo ashoboye.Ni wamwereka ko ukeneye ko akwama hafi bizotuma yumva ko urukundo rwanyu rumeze neza.Mwereke ko atakintu nakimwe kikunezera nkiyo akuri hafi.

4.Ndashima ivyo unkorera.

Ntamuntu numwe atumva anezerewe iyo bamushimiye kuvyo yakoze.Umuntu wese usanga ashaka kumenya ko ivyo yakoreye umuntu kanaka vyamuryoheye.Niwabwira umugabo wawe ko ushima kandi bivuye kumutima ivyo agukorera bizotuma aryoherwa bikomeye ndetse vyongereze uko yahora akwiyumvamwo.

5.Ndakwizera.

Abantu bose baranezerwa iyo bashimiwe kuvyo bakoze ariko iyo bikozwe n’umukunzi wawe biba akarusho kandi bikaryoha gusumba.Bwira umugabo wawe canke umuhungu mukundana ko ari umuntu wigitangaza kandi wizera cane muvyo akora harimwo nivyo agukorera ,bizotuma adacika intege ahuwo yumve inguvu zo kubandanya zigwije na kabiri.Ico uhamagarirwa ni ukumenya ko umukunzi wawe yashitse kuntumbero yari yihaye muvyo ariko ararangura kandi nawe ugashiramwo intererano yawe.

Kora uko ushoboye kwose umwereke ko umuri inyuma muvyo ariko arakora(que tu est fan de son style),mubwire ko asa neza ,aseka neza kandi ari umugabo umuntu wese yo kwipfuza ko yoba se w’abana biwe ,bizotuma yumva ko ari umuntu adasanzwe.

Ivyo niwabikora buri musi uzoba wigaruriye umugabo wawe canke umuhungu mukundana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments