Inyuma y’ikete ryandikiwe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwiamana n’uwutwara urunani ADC ikibiri ngoniho hahavuye hafatwa ingingo yo kwemerera iigambwe ibiri ko iri muri ADC ikibiri. Muri iryo kete uwo mushikiranganji akabona ko imigambwe MSD na PARENA ata kibazo abona c’uko yoja mu runani ADC ikibiri.
Naho uwo mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard nduwimana yemereye umugambwe MSD kuja muri ADC ikibiri, uwo mugambwe wo ubona ko ari ukubasamaza gusa nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru Igihe ngo Nyamoya umunyamabanga w’umugambwe MSD we avuga ko mwikete uwo mushikiranganji atashatse kwishura vyari bisiguye neza ko bari muri ADC ikibiri, ngo nayo iryo kete yanditse ntirifuta irya rihari ribabuza kuja muri ADC ikibiri.
Umugambwe MSD ntiwihindukiza kw’ijambo wavuze ko uzoja mu matora wonyene usivye ay’umukuru w’igihugu,mwibuke kandi ko bivurwa ko MSD ishobora kuba iriko iraronderwa n’umukuru w’igihugu ngo bafashanye gutegurana amatora naho vyabataye kuwamaze nkuko bivurwa n’uwusanzwe avugira ADC ikibiri iburaya.
Recent Comments