Kubwa Maggy Barankitse ngo Petero nagende ntawumukeneye

0

Maggy Barankitse n’umwe mu bantu bubahwa mu Burundi. Igihe c’intambara yo mu 1993 akaba yarakiriye imfuvyi ibihumbi yaba abatutsi canke abahutu akaba ari nawe yatanguje ikigo Maison Shalom kikaba kijejwe gufasha abantu batishoboye. Ico gikorwa kikaba caratumye ashimirwa n’amakungu.

maggybarankitse-natural

Nta minsi iheze, umukuru w’igihugu ubwiwe akaba yaramwiyitiye ngo ni Mama w’abarundi. Ariko nyuma yaho amenyesheje ko agiye kwitoza irigira gatatu abantu isinzi bakamwiyamiriza na Maggy arimwo, Maggy yahisemwo gukura meza aho yaciye ahungira mu gihugu cu Rwanda. Akavuga ko yahungiye i Kigali nkuko n’abandi barundi benshi babikoze aho batinya kwicwa bunyamaswa akavuga ko nimba barashoboye kugerageza kwica Mbonimpa ko nawe atakabuza ko ashobora gushikirwa.

Akavuga ko cane cane ko yahunze itariki yo kuwa 26 Myandagaro 2015 aho Petero Nkurunziza azoba ahereje ikiringo ciwe ko ibintu bishobora kuba nabi ngo na cane cane kuba batanguye kwica abantu runaka aho twoshobora kuvuga nka Colonel Jean Bikomagu aheruka kwicirwa iwe n’abantu gushika ubu bataramenyekana.

Kubwiwe ngo Leta iriko irarondera ukuntu yocanishamwo abarundi aho ibitero ikora yonyene ivyitira abatutsi kubwivyo rero ngo Petero Nkurunziza ngo nakinjure nta murundi akimukeneye.