entare yafashe ingingo yo kugumiza mw’ibohero Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabafungwa APRODH.
Mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Ruheshi, sentare yafashe ingingo yo kugumiza mw’ibohero Petero karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH. Iyo ngingo yafashwe ikurikiye iya sentare nkuru ya Bujumbura nayo nyene yaheruka gufata y’ukugumiza uwo mukuru wa APRODH mu munyororo.
Tubibutse ko Petero Karaveri Mbonimpa yinjiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuwa 16 Rusama 2014 yagirizwa kuba yarahungabanije umutekano w’igihugu n’uwo hanze y’igihugu. Abatari bake yaba amashirahamwe mpuzamakungu hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike mu Burundi bariyamirije ipfungwa ryiwe, basaba ko amakungu yokurikirana ivyo Petero Karaveri Mbonimpa yashikirije, hakaba amatohoza kugira ukuri kuje ahabona kuvyo yashize ahabona vy’itangwa ry’ibirwanisho, hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare yoba ikorwa n’urwaruka rw’abarundi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bari basavye ko yotezurirwa akaburana yidegemvya. Ingingo yafashwe akaba ari uko yogumizwa mw’ibohero.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments