Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsNgibi hano ibintu 8 wokora bigatuma umenyekana ndetse ukanakundwa cane .

Ngibi hano ibintu 8 wokora bigatuma umenyekana ndetse ukanakundwa cane .

M’ubuzima bw’umuririnvyi habaho itanguriro hakongera hakabo niherezo kuko haragera igihe uja hejuru ukamenyekana cane ahandi naho hakabaho guharurukwa aho usanga abantu bagenda bakwibagira, aha rero umuririmvyi wese ashobora kwibaza ati : ni iki yokora ngo ivyo bihe vyiza afise ngo abimarane igihe kirekire?

burundi-stars

Nubwo iki kibazo cokwibazwa n’umwumwe wese, ntabwo bivuze yuko umuririnvyi yohora ariwe ari hejuru mukumenyekana mugace runaka canke mu gihugu kanaka kuko hariho abandi baririmvyi baba baticaye barondera uburyo bwose bomenyekana . Kumara rero umwanya munini uri icamamare ntabwo ari ibintu biza vyizanye ngo vyiture ngaho kuko nubwo woba ufise impano yogufonta ibintu biryohera abantu ariko usanga harivyo nawe uba usabwa gukora kugirango uronke abantu benshi bagushigikiye.

Mu barundi baba hano muri America no mu Burundi canke se baba ahandi hatandukanye, umuririmvyi araza akamenyekana kuburyo bwihuse ariko inyuma y’umwaka umwe canke ibiri ugasanga abantu basa nkaho bamushize kuruhande. Aha rero ninaho usanga hazamwo ibibazo hagati y’abaririnvyi hamwe n’abanyamakuru aho baba batumvikana mw’imenyekanishwa ry’uburirinvyi bwabo kuko bo bavuga ko abanyamakuru babasubiza inyuma naho kuruhande rw’ abanyamakuru nabo bakavuga kobashira indirimbo canke inkuru ziba zasabwe n’ababakurikiye bityo bikaba arivyo biri guhabwa ‘ Promotion ” Ibi ni bimwe muvyo umuririnvyi yogerageza gukora kugirango ukumenyekana kwiwe kurambe ndetse nanyuma y’ivyo azobashe kubaho neza :

sat b
Umwe muba Star bakunzwe cane mu Burundi ( Sat-B )

1.Gukora indirimbo zimeze neza kandi zifise Intumbero.

Akenshi usanga umuririnvyi runaka aza agakora uko ashoboye ngo amenyekane vyongeyeho akaba yonashiramwo inguvu nyinshi kugirango agere kuruwomupango ariko usanga nyuma y’ibihe kubera ukuntu afonda indirimbo usanga abantu bateba bakagera aho bamuhaga ugasanga akenshi ntabwo bashaka kumva canke kuraba ivyo aba yaririnvye.Nk’umuririnvyi uraba kure kandi wipfuza ko womeyekana cane, ningombwa ko wiyunvira neza ikintu uba ugiye kugeza kubakunzi bawe ndetse ukaraba n’intumbero ufise kurabo bantu.

2.Kwipangira imipango yawe neza.

Kuba umuririmvyi ni umwuga nk’iyindi ndetse usanga ari n’ubucuruzi bwiza cane kumuntu vyabereye neza .Gusa mubaririnvyi babarundi kenshi usanga batangura gukora indirimbo zabo ariko atamupango bize, ninaco gituma ari vyiza kubanza kwiyunvira ikizakurikiraho nyuma yo kumenyekana .

3.Gukora utariko urigana abandi baririnvyi bagezweho no kwemeza abantu gusa.

Akenshi usanga abaririmvyi binjira m’umuziki ari abashaka kwigana abandi baririmvyi bagezweho, gushaka kwiyerekana gusa. Ibi bikaba biterwa ahanini no gushaka kumenyekana vyihuse,gushaka kwemeza ababanyi,abanyeshuri bigana n’abandi…rero igihe ukoze ikintu ata mpano yawe ikurimwo ahubwo ari ukwigana abandi baririmvyi akenshi biragora ndetse niyo umenyekanye nturamba usanga abantu baguharuruka ningoga.

fariouz
Umuririmvyi mukunda muri benshi ” Big Fizzo aka Burundiano

4.Gukorana n’itangazamakuru neza

Bamwe mu baririmvyi cane cane m’umuziki usanga bakesha ukumenyekana kwabo abanyamakuru runaka canke akandi kantu baha abanyamakuru, Ariko ushobora kwibaza nimba umunyamakuru wagushize kurwego rwo hejuru ko atariwe n’ubundi yoshobora kugushira hasi igihe habaye ubwumvikane buke hagati yanyu. Nk’umuririmvyi rero nivyiza gukorana n’igitangazamakuru kurusha gukorana n’umunyamakuru kugiti ciwe.

5.Kwiyubaha cane muvyo ukora vyose

Hariho abaririmvyi benshi bamara kuba ivyamamare( aba Star ) bagatangura kwitwara nabi kandi hari n’ababa bagitangura ugasanga imico yabo ihise ihinduka ,bagatangura gukoresha ibiyovyabwenge,abandi ugasanga binjiye mubusambanyi cane kandi harimwo n’abahita batwara inda canke bakanduriramwo indwara zitandukanye bityo uburirimvyi bwabo bukaba burangiriye aho. Nk’umuririmvyi kandi wiyubaha nivyiza kwirinda guta igihe canke imigambi wahawe n’uwundi muntu kuko biri muvyorangiza izina ryawe.

6.Menya gucunga umutungo wivyo uba ufise.

Gucunga umutungo n’ikintu buri wese akwiye gukora,ariko uwovuga ko benshi mubaririnvyi bagerageza gukorera amahera ariko bakaba bataja bayagirira umupango neza ntabwo yoba abeshe. Usanga abenshi kubera kwigana abagenzi babo batunze nabo baca bashaka kubaho ubwo buzima kandi bidashoboka, Dufashe akarorero ni kenshi usanga nkumuririnvyi runaka akoresha ama Dollar menshi mugusohora umuziki canke ururirimbo kugirango yigane abandi baririnvyi baba bakoresheje ama Dollar menshi ariko ikibabaje nuko usanga munyuma atama Dollar menshi binjiza barangije gukora izondirimbo ugasanga baranahomvye aho rero nikubera usanga yagiye gusohora ururirimbo atamupango mwiza yakoze. Ibi rero nivyo usanga mu gihe abafana bamuharurutse canke haje uwundi muririmvyi akamukura kubwamamare yari afise, uca usanga uburirimvyi bwiwe busa nkaho ataco bwamumariye ndetse ugasanga ntanakazi yokora keza kuko benshi usanga binjiye m’umuziki cane bitandukanya n’ishuri.

Mkombozi
Umwe mu baririmvyi bakunzwe ndetse bamaze kubaka izina mu Burundi ( Nzeyimana Mkombozi )

7.Gerageza gukora Indirimbo zitandukanye kugirango wakire abantu benshi.

Abanyamakuru dukora hano kuri www.UBMNews.com tugiye kuraba dusanga uburirimvyi ari nka (business) nk’izindi. Nivyiza rero ko buri munsi , iyo uri umuririmvyi bisaba ko uririmba ibintu bishasha kugirango ugume uri hejuru yabandi kubarusha. Nivyiza kandi gukunda ,kumva no kwakira abafana bawe bagukwirikiye buri munsi kuko bariya nibo batuma ugera kuri vyinshi utogeraho. Uri umuririmvyi mwiza rero iyi ngingo woyitaho cane.

8.Gukora ibifise akamaro

Benshi mu baririnvyi bata umwanya kubintu bidafise umumaro ndetse kenshi ugasanga ninavyo bibatwara amafhera menshi,nivyiza rero kugira imipango muvyukora,ukamemya gushira kumurongo akazi kaburi munsi kandi kagufasha mu buzima bwawe.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments