Harmaze igihe hibonekeza igitigiri kitari gito c’abaganga b’abarundi baguma bagenda gukorera mu bindi bihugu kubera bavuga ko Leta y’uburundi itabitaho nkuko vyategerezwa bafatiye ku myaka myishi y’amashure bize hamwe n’akazi kenshi bakora. Kubw’ico kibazo, Amasendika abiri akorera mu gisata c’amagara y’abantu amenyesha ko abo baganga bagenda bahunga gukorera mu Burundi kubera umushahara w’intica ntikize bahembwa ariyo mpamvu ayo masendika atera akamo Leta kwitaho ico kibazo mu maguru masha amazi atararenga inkombe.
Mu kiganiro catanzwe na SYNAPS na SYMEGEB kuri uyu wa kane ku bamenyeshamakuru cari gishingiye ku civugo kigira giti :«Ikibazo c’igitigiri kinini c’abaganga b’abarundi bagenda gukorera mu mahanga, ni ikihe ciyumviro SYNAPS na SYMEGEB zoshikiriza?»
Muganga Ndayizigamiye Vincent arongoye SYNAPS yagize ati :«Imvo nyamukuru ituma abaganga benshi bashima kuja gukorera mu bindi bihugu ni umushahara muke baronswa ,aho usanga hari abahembwa umushahara utanashika ibihumbi amajana atanu kandi bakora akazi gakomeye bakanarenzako n’amasaha ntibayahemberwe. Ugasanga mu bindi bihugu abakora umwuga umwe baronka umushahara wisununuye. Ivyo rero, bikabereka ko ata gaciro gahabwa impapuro z’umutsindo z’abize igisata c’ubuvuzi mu Burundi, bagahurumbira kuja gukorera mu bindi bihugu vyo hanze»
Nk’ingaruka mbi bishobora gutera igihugu nkuko Dr Ndayizigamiye arongoye sendika SYNAPS abandanya abivuga n’uko: «Ikena ry’abaganga, gucika integer ku rwaruka ruriko ruriga igisata c’ubuvuzi bw’amagara y’abantu hamwe n’ubwoba bwo kwipfuza kwiga ico gisata, isubira inyuma ry’igisata c’amagara y’abantu , kwivuza bizoca bizimba abenegihugu kubera abaganga benshi bagiye gukorera mu mavuriro yigenga, abandi mu mahanga».
Ayo masendika akaba yateye akamo Leta guhagurukira ico kibazo amazi atararenga inkombe bigishoboka gukosorwa kugira abaganga bakora amasaha y’akazi arenze bayahemberwe maze ntibadebukirwe ngo bace biyumvira guheba akazi hamwe rero no kuronswa umushahara ushobora kubabeshaho iki gihe ubuzima bwazimvye muri vyose mu vyankenerwa abarundi bakenera.
Recent Comments