ku biharuro nfatakibanza, Umugambwe CNDD FDD uza mu kibanza ca mbere

0

Umugambwe CNDD FDD userukiwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza niwo uza imbere mu biharuro nfatakibanza bitangazwa n’imirwi itegura amatora mu ntara.

gutora

Mu biharuro nfatakibanza vyatangajwe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 22 Mukakaro,inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu,umugambwe CNDD FDD uza imbere ugakurikirwa n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.

Mu ntara ya Rumonge,Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,ruza mu kibanza ca mbere naho nyene indongozi z’urwo runani zari zasavye abanywanyi babo kutitaba ayo matora.

Bitegekanijwe ko ibiharuro ntabanduka bimenyekana iminsi itatu inyuma y’amatora.