Ku bice bishimishije CNDD-FDD ngo yatahukanye intsinzi mu matora y’abajenama b’amakomine n’ay’abashingamateka

0

Intebe 77 kuri ntebe 100 ziri mu nama nshingamateka nizo zatahukanwe n’umugambwe CNDD FDD nkuko vyashikirijwe n’uwusanzwe atarwa umurwi utegura amatora Ambassadeur Ndayicariye Pierre Claver kuri uno musi wa kabiri igenekerezo rya 7 mukakaro mu nyubakwa za Hotel Royal Palace.

4674513_6_cd88_le-parti-presidentiel-est-le-grand-gagnant-des_07b4ecb5f1abf46fdc10c8c98ea4ba4f

Nkuko CENI yabishikirije ngo ibice birenga 74.32% vy’abarundi bari biyandikisheje barashoboye gutora mu matora y’abajenama b’ama komine hamwe n’abashingamateka abo bakaba bangana na 2 300 463, nayo abashika 3 843 024 bakaba ngo aribo bari biyandikisheje muri rusansuma rwabaye mu Burundi.

Ku kibazo c’amajwi ariko ahabwa imigambwe ivuga ko yari yavuye mu matora, Ambassadeur Pierre Claver yamenyesheje ko urupapuro rwarungitswe rutemewe kubera abarushizeko imikono ari abatwara imigambwe itabaho. Ntiyahagarikiye ngaho kuko yanamenyesheje abanyagihugu batari bake babahaye ayo majwi atoba impfagusa ahubwo ko bagiye kuyatanga ukwo nyene.

Ivyo birori vyo gushikiriza ayo manota y’imigambwe ngo nta mugambwe n’umwe utavuga rumwe n’ubutegetsi washoboye kuhashika.