Koreya Ya Ruguru Yateye Missile Zine Mu Kiyaga c’Ubuyapani

0

Ibiro vya Koreya y’Epfo bivuga ko ’ Leta Zunze Ubumwe Za Amerika na Koreya y’Epfo bariko bakora amatohoza yitondewe kugira bamenye ubwoko bw’izo missile zatewe’ kuruyu musi wa mbere itariki 06 Ntwarante 2017.

Nkuko Televiziyo France 24 yavyerekanye, Koreya yepfo yaciye itumako inama y’Umutekano yihuta.Nta makuru aramenyekana yuko amato canke indege vyoba vyononekaye bivuye kurayo mamissile

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe yashikirije ko igihugu ca Koreya ya Ruguru cateye ibigendajuru vya Misile bine , bitatu muri vyo birwa mu mazi mu gice c’Ubuyapani.

Missile vyagaragaye ko yaguye mu kiyaga c’Ubuyapani

Abategetsi b’Ubuyapani bavuga ko gutera ivyo bisasu ari ‘iterabwoba rikomeye’ kandi bashikiriza ko bavyiyamirije.

Ivyo bibaye mugihe Koreya y’Epfo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bariko bakorera hamwe imyimenyerezo ya gisirikare, imyimenyerezo Koreya ya Ruguru yise ko igamije kugitera.

Mugihe haba imyimenyerezo nk’iyo m’umwaka uheze, Koreya ya ruguru yarateye ibigendajuru vya misile nk’ivyo bitari bike kandi igabisha ko inashobora gukoresha ubumara.