Koreya Ya Ruguru ‘Yakoze Igerageza Ry’Imoteri Nshasha Yo kurungika Ibisasu’.

0

Ibinyamakuru vyo muri Koreya ya Ruguru, vyatangaje kuri uyu musi wa mungu itariki 19/03/2017 ko ico gihugu cakoze igeragezwa ridasanzwe ry’ikimoteri gishasha gikomeye gishobora kurungika ibintu birungikwa mu kirere.

Uwutwara ico gihugu, Kim Jong Un, yavuze ko iyo moteri nshasha ko ari ‘intambwe idasanzwe bashitseko’ kandi ko “vuba Isi yose izokwibonera ico Koreya ya Ruguru yashitseko uyu musi” nkuko Cable News Network(CNN) yabitangaje izofasha cane Koreya ya Ruguru mu gushikira amateka adasanzwe mu makungu mu bijanye no kurungika ibigendajuru biturika.

Abihweza ibintu bavuga ko igeragezwa ry’iyo moteri idasanzwe yo kurungika ibigendajuru bidanzwe bitaramenyekana ubwoko bwabwo, kandi ko ari ikintu co kwihwereza hafi mu gihe koreya ya Ruguru yaheruka kumenyeshako ifise umugambi wo kurungika kure igisasu gishobora gushikira ubutaka bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kim Jong Un yahagarariye iryo geragezwa ry’iyo Moteri

Iryo tangazo rya Koreya ya Ruguru rishitse mu gihe Umushikiranganji w’ububanyi n’ayandi makungu wa Amerika ,Rex Tillerson mu rugendo rwiwe arimwo muri Asia, igihe ariko agira ibiganiro n’abarongoye igihugu c’Ubushinwa ku kuntu botorerea inyishu ikibazo ca Koreya ya Ruguru.

Igihe yari murugendo muri Koreya y’Epfo mwiyi ndwi nyene, Rex Tillerson yavuze ko Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika kizokoresha ‘inguvu za Gisirikare’ mu kurwanya Koreya Ya Ruguru, ariko ko ivyo vyovamwo ingorane zikomeye.

Ubushinwa bwobwo bukaba buvuga ko ivyo vyokwandukira ‘umuvurungano ukomeye’ isi yose, ku bwivyo bugasaba Amerika ‘kwitondera’ iki kibazo ca Koreya ya Ruguru.