Koreya ya Ruguru Yagiriza Amerika na Koreya y’Epfo gupanga Igitero

0

Umwiyemezo wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika na koreya y’Epfo kukugwaniriza hamwe ibitero vya missile uriko uratuma amazing ya Koreya “ahakwa kuja mu ntambara” nkuko Koreya ya Ruguru yabivuze ku musi wa gatanu.

Uburyo bwo kugwanya ibitero vya missile bwiswe THAAD( Terminal High Altitude Area Defense) ni ukuvuga uburyo bwo kumanura canke gutangira iki missile kitarakoroka hasi canke kitaragira ico conona bwa Amerika na Koreya y’Epfo ni uburyo bwo “kuburizamwo umwansi kare ariwe Koreya yaruguru” nkuko ikinyamakuru ca leta ya Koreya ya Ruguru KCNA kibivuvga. Iyo THAAD mukamenya ko n’Ubushinwa n’Uburusiya buyiyamiriza.

Ivyo bihuye nuko Umunyamabanga wo kwivuna Abansi wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika James Mattis aheruka kugira urugendo muri Koreya y’Epfo aho yamenyesheje ko THAAD izokoreshwa mukurinda abasoda ba Amerika naba Koreya y’Efo. Mattis yaremeye ko hazoba “ugusubizwa kudasanzwe” ku gitero ico arico cose kivuye muri Korea ya Ruguru.

Ivyo James Mattis yabivuze ko THAAD izokoreshwa bivanye n’agasomborotso ka Koreya ya Ruguru kabadanya.

James Mattis, Umunyamabanga wo Kwivuna Abansi wa Amerika

Ku wa gatanu kandi James Mattis yaragize urugendo mu gihugu c’Ubuyapani, ikindi gihugu giterwa ubwoba n’ibigwanisho ruhonyanganda na missile vya Koreya ya Ruguru.

Ari i Tokyo hamwe n’Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe, Mattis yarakuye amazina Ubuyapani ko Amerika ibashigikiye.