Friday, October 7, 2022
HomeNewsKoreya Ya Ruguru Yagerageje iyindi Missile Balistike!

Koreya Ya Ruguru Yagerageje iyindi Missile Balistike!

Koreya ya Ruguru yasubiriye kugergeza igisasu kuri uyu musi wa mungu ca missile balistike naho ONU iguma ifatira ibihano ico gihugu gitwarwa n’umutware akiri muto Kim Jong Un.Ibi bikaba vyamenyeshejwe n’Ubushikiranganjibwo kwivuna abansi bwa Koreya y’Epfo.

N’iki missile ca mbere kigeragejwe na Koreya ya Ruguru kuva Donald Trump afashe ubutegetsi bwa Amerika.
“Koreya y’Epfo n’isi yose turiko dukorera hamwe kugira dufate ingingo ruhasha kuvyerekeye iri geragezwa”, nku’uko vyavuzwe n’uwuriko akora nk’umukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo Hwang Kyo-Ahn.

Kim Jong-Un, Umukuru wa Koreye ya Ruguru

Ico ki missile bikavugwa ko cagenze ibilometero 500 cerekeza mu buseruko bwa koreya ya Ruguru, gica kirwa mu nyanza y’Ubuyapani.

Ubuyapani bwobwo bukabona ko ari “agasomborotso keruye”mu gihe Koreya ya Ruguru yateye ico gisasu mu gihe Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani yari mu Rugendo muri Amerika aho yaganiriye na Donald Trump ku vyerekeye ugukorera hamwe mu bisata bitandukanye.

Naho Koreya ya Ruguru iheruka gutangaza ko izotera iki missile(ICBM) gishobora gushikira Ubutaka bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Abasoda bo mu rwego rwo hejuru bo kwivuna abansi ba Amerika bavuze ko ico ki missile kitari ICBM( Inter-Continental Ballistic Missile), ko cari ikibayabaye.

Shinzo Abe, Umushikiranganji wa mbere w’ubuyapani

Donald Trump ari kumwe na Shinzo Abe baciye bagira ico bavuze mu kwiyamiriza iryo geragezwa.
Umushikiranganji wa mbere w’ubuyapani Shinzo Abe yamenyesheje ko iryo “geragezwa rya Missile balistike ryakozwe na Koreya ya Ruguru ko ridashobora kwihanganirwa”

Donald Trump nawe yaciye amenyesha ati :”Nshaka ko uwari we wese atahura kandi akamenya ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziri inyuma y’Ubuyapani ijana kw’ijana”, ivyo akaba yabimenyesheje inyuma y’amakuru yuko Koreya Ya Ruguru yagerageje missile balistike.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....