Koreya ya Ruguru na Malaysia: Imigenderanire Itera Yononekara.

0

Inyuma y’urupfu rwa Kim Jong Nam, umugabo avukana na Kim Jong Un Umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, rwabereye muri Malaysia mu ndwi iheze, Malaysia yaciye itumako vyihuta Intumwa yabo muri koreya ya Ruguru i Pyongyang, umugwa mukuru wa Koreya ya Ruguru, kubera habandanya kuba impari zikaze kubera urwo rupfu.

Kim jong Nam yishwe mu buryo budatahuritse mu ndwi iheze ku kibuga c’indege I Kuala Lumpur ku murwa mukuru w’igihugu ca Malaysia, igipolisi ca Malaysia cibaza ko Kim Jong Nam yoba yahawe isumu mu gihe yari arindiriye kwurira indege.

Igipolisi ca Malaysia kivuga ko kiriko kirondera Abanya Koreya ya Ruguru bane bahunze Malysia inyuma y’urwo rupfu.

Uwuserukira Koreya ya Ruguru muri Malaysia kandi yatumweko ngo atahe muri Koreya ya Ruguru bivanye nivyo yavuze kururwo rupfu.

Kim Jong Nam yishwe mu ndwi iheze

Naho havavugwa vyinshi ko Koreya ya Ruguru yoba yaragize uruhara mwiryo yicwa rya kim Jong Nam, nta bimenyamenya biraja ahabona, kandi Koreya ya Ruguru ntaco iragira ico ivuze kururwo rupfu ku mugaragarao.

Malaysia cari kimwe mu bihugu bike vyari bigifitaniye imigenderanire myiza na koreya ya Ruguru, mugabo uru rupfo rwatumye imigenderanire yononekara.

Koreya ya Ruguru yari yasavye Malaysia ko yotahukana uwo muvyimba wa Kim Jong Nam muri Koreya Ya Ruguru, ariko Malaysia yaranse ivuga ko ibanza kugira ibipimo vy’uwo muvyimba( Autopsie) kugira barabe ko boronka ADN yuwo mumuryango wa Kim Jong Nam hama bamenye umuco kururwo rupfu.Ivyo navyo Koreya ya Ruguru ikaba itavyemerako hoba iyo Autopsie kubera Malaysia yohava itanga amakuru atariyo kubera ata muntu numwe wa Koreya ya Ruguru yoba ahari.

Ivyo vyatumye Ambassaderi wa Koreya ya Ruguru muri Malaysia, Kang Chol, yagiriza Malaysia ku wagatanu ko iriko “ikorana n’abansi”, yongera avuga ko Malaysia iriko “inyegeza ikintu”.

Ibi bikaba vyatumye Malaysia yishurana ubushangashirwe kurivyo Keng Chol yavuze ko “bidafise ishingiro”, bongera bavuga ko ari uruhara rubega kugira amatohoza kururwo rupfu rwa Kim Jong Nam kubera ko yapfiriye ku butaka bwabo bwa Malaysia.

Hakaba hamaze gufatwa abagore babiri, umwe wo muri Indonesie nuwo muri Vietnam, hamwe nabandi bagabo babiri, bose bakaba bikekwa ko boba baragize uruhara mwurwo Rupfu.

Kim Jong Nam kandi yari yaratandukanijwe n’umuryango wiwe kubera ubukazi bwa mwenewabo Kim Jong Un atwara koreya ya Ruguru, akaba yama avugira ku mugaragaro ko adashikiye intwaro y’igikenya ya Kim Jong Un. Ivyo bikaba vyaciye bituma Kim Jong Nam aza arabaho yimukanga mu bihugu bitandukanye.