Koreya ya Ruguru Irarahira Ikarengwa Ko Itazoheba Umugambi Wayo Wa Gukora Ibigwanisho Ruhonyaganda.

0

Igihugu ca Koreya Ya Ruguru nta na kimwe gitinya mu bijanye n’ibihano ivyarivyo vyose cofatirwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, haba mu gukumira Koreya ya Ruguru mu vyubudandaji kwisi yose, kandi kikavuga ko “kizobandanya congereza” ibikorwa vyaco vyo guhingura ibgwanisho vy’ubumara hamwe na missiles, nkuko Intumwa ya Koreya ya Ruguru I Genѐve yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ejo ku musi wa kabiri 21/03/2017.

Iyo ntumwa Ya Koreya Ya Ruguru muri ONU I Genѐve, Choe Myong Nam, yavuze ko harimwo n’uko Koreya ya Ruguru izotegura “igiteroc’ibanze co kwitanga umwansi hamwe no gukoresha missile ishobora gushika kure cane( Inter-continental Ballistic missile ICBM).

Nkuko amakuru abandanya avyerekana, Umutegetsi wo kurwego rwo hejuru wa Amerika yavuze ejo bundi ku wa mbere ko Ubutegetsi bwa Trump buriko bwihweza ibihano bikomeye bwofatira Koreya ya Ruguru kugira bugondoze umugambi wico gihugu cigira ibiro biteze.

Choe Myang Nam abandanya ati: “Naho twobuzwa mu bijanye n’urudandazwa mw’isi yose, ibi nta bwoba bizodutera canke bigira ico bihinduye”. Yavuze ko ibihano bihari ubu ko ari ‘agaterasoni kandi ko bitaranga kwubahiriza kiremwa muntu’.

Choe Myang Nam, Intumwa ya Koreya ya Ruguru muri ONU.

Igihugu ca Koreya ya Ruguru kiri mu bihano kimazemwo hafi imyaka 50 ariko ico gihugu kikabandanya cigwanako mu bukene naho abanyagihugu baco bivugwa ko umenga bugaraniwe ahantu, ata burenganzira bafise bwo kumenya amakuru avugigwa hanze y’igihugu kiretse kuraba Televiziyo ya Leta gusa.

Naho Amerika iheruka kumenyesha mundwi iheze ko ishobora gukoresha ‘inguvu za Gisirikare’ mu kurwanya Koreya ya Ruguru, Choe Myan Nam avuga ko ‘bakomeza igihugu cabo mukwikingira imbere yigihe bakoresheje ibigwanisho ruhonyanganda’.

“Naho Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zivuga ko zizokoresha inguvu za Gisirikare, natwe turiteguriye ico gitero mu buryo buhagije, kandi tuzokoresha uburyo bwose bushoboka harimwo na ICBM”, niko Choe Myang Nam abandanya avuga.