Ntibigiye koroha “ Twarababwiye mumisi iheze ko Président Ndayishimiye ashobora kuba yategetswe,ndasubiramwo Yategetswe apana gusabwa! Yategetswe gukinjura mw’Idili ry’Abagabo muri Congo!
Imvugo ya Président Ndayishimiye avuye i Addis yarumvikana vy’ukuri ko itandukanye cane n’imvugo yavuga mu misi ibiri atarajayo!

Ibi narababwiyeko bishoboka ko yoba yahondaguwe na bene Idili:
“Namba ushaka kuguma ku Butegetsi,namba ushaka ko CNDD FDD muguma ku Butegetsi va inyuma ya Congo vuba!”
Twamaze kubona ku binyamakuru bitandukanye ko Uburundi bwatanguye gukura Abasirikare muri Congo! Kandi twebwe nk’Abasesanguzi twari tuvyiteze kuko vy’ukuri Leta ya CNDD FDD ntabubasha ifise bwo guhangana na Leta ifise inguvu nka RPF y’Urwanda!
Hari ibikoko bibiri Nkunda kwigako cane:
1.INYABU, ni agakoko gato cane ariko baciye ubwenge kandi gakaze cane,ndababwije harya namba hari agakoko gakaze,kandi kabi ni Inyabu. Abashakashatsi bavuga ko umwaka wose ushobora guhera hashavuye Inyabu zibiri gusa! Nukuvuga ngo Inyabu woyikubita ikarinda ipfa itarashavura!
Ariko rero Akayabu karinze gashavura ni mpaka kishe umuntu! Amenyo Yako,ninzara zako bijamwo ubumara bubi cane iyo gashavuye! Akayabu naho wogashavurira mutari kumwe,ukagapangira kukica ko kabibona mu ndoto! Muri make karerekwa!
Ariko Kubera uguca bugufi bwako,karyamana n’Abantu mu gitanda,ishuka ikaba imwe!
2. IMBWA, ni igikoko ciza cane,ntangorane gifise,ntabukazi bwa cane gifise,IMBWA naho yoshavura,rimara akanya gato cane,kugira ikurye uba wayihonyoye ku murizo,canke uyiteye aho yibereye!
Ariko Kubera ukwikakisha kwayo,kubera Induru zayo,kubera ukwishira hejuru kwayo, bayiraza hanze ,muri make irakumirwa cane!!
Tugaruke ku nkuru yacu:
Namba Leta ya CNDD FDD yoba yafashe ingingo zo gukura ingabo muri Congo,jewe hamwe novuga nti ni Ingingo nziza kuko nubundi ntaco mbona bari gufasha,bakubitirwa hamwe nabo bagiye gutabara!
Kandi ibi ntibivuzeko Abasirikare b’Abarundi badashoboye urugamba,Oya!
Ahubwo biva kumvo nyinshi:
1.Abo bagiye gufasha(FARDC) abenshi ni Ivyitso(Abakozi ba Paul Kagame)
2. Irya ngwano irimwo amahera menshi cane,Abasirikare bo hejuru ba Congo bazibishwa ama Dollars!!
3. Abasirikare b’Abarundi kandi barwana bafise imidogo myinshi,
1.Ama dollars bahembwa bumva ku matwi gusa,
2.kuba bari kurugamba batiteguriye neza,
3.kuba kandi no muribo harimwo abipfuza ko CNDD FDD yobavako,….
Ivyo vyose bituma urugamba rudindira cane!
Rero Ndayishimiye akuye ingabo ziwe muri Congo,ni ugutsindwa kudasanzwe Leta ya CNDD FDD yoba igize! Kuko imirwi yose iyigwanya iri muri Congo ntahandi,izoba ironse inguvu zidasanzwe zo gushika ku ntumbero zayo,
Kuko bizoborohera gushika ku mbibe z’Uburundi na Congo vyoronshe, aho naho muraziko ariho hakunda guhungabana!
Ikindi naco,mwaraye mubonye,amatangazo y’uwundi murwi mushasha uvugako uje kurwanya Leta ya CNDD FDD witwa FRB-Abarundi uvugako wishize hamwe niyindi mihari nka UPR na UPF.
Ibi navyo bifise insiguro nyinshi:
1. Irashobora kuba ari RED-TABARA nyene yagize amayeri,ihindura amazina kugira ngo ni yatera Uburundi,ntibize bivugwe ko Ingorane zizananye mu Rwanda,muraziko Leta y’Uburundi yama yagiriza Urwanda gukorana na Red Tabara!
2.Ushobora kuba ari Umuhari mushasha ariko ukaba uvutse vuba inyuma yo kubona Faiblesse ya Leta ya CNDD FDD!
3.Ushobora kuba ari uruyeri rwa CNDD FDD kugira basamaze Abarundi na rirya Amatora yegereje!
Gusa mugume mumenyeko,mbere yo gufatwa kwa Goma na Bukavu iyi mirwi ntiyigeze ibaho canke ivurwe,
Ikindi naco,kuba iyo mirwi yavuzeko yavukiye muri Bubanza ku rubibe na Congo vyose bifise insiguro! Kuki itavukiye mu Cankuzo,Ruyigi,Rutana,Makamba??
Naho Ndayishimiye yokura Ingabo muri Congo icapanzwe ni ngombwa kizoba! Reka Uvira bayifate niho tuzobana ivyari binyegejwe!
Ico nohanura Leta ya CNDD FDD,ntibijajare ngo harivyo urwanda rwabasezeraniye! Ahubwo barabe neza kuko M23 isanzwe ihari ku butaka bw’uburundi,
Utunze umu Nyamulenge iwawe,uba utunze M23!! Aba bantu ico bazira ni uguhemukiranira! Aba bantu uwuri hano USA buri gatondo ategerezwa kumenya amakuru y’uwuri mu Rwanda,mu Burundi,Malawi,Tanzania,Congo,Zambia,Mozambique,…..nahandi hose basanzariye! Kandi Bose basangiye Ideology!
Gusa sinshigikiye ko mubafata mubafunge canke mubice,Oya ahubwo namba ari Impunzi ni mubajane muma Kambi y’Impunzi bagumeyo,bareke gusanzara ngaho ibujumbura!
Impunzi twabonye ziriko zinjira ngaho,mutaravye neza muriko mwinjiza Adui!
Ico maze kubona coco namba hari igihugu coroshe kuvogera kuri ino Si, ni Uburundi.
Ni mu Burundi honyene Aho umunyamahanga agira ijambo gusumba umwene Gihugu!
Ni mu Burundi honyene ubwene Gihugu bururigwa mw’Ikomine mafaranga 500fr.
Ibi vyose bisigura ko Uburundi bifise abategetsi batitayeho Igihugu,batitayeho ubusugire bwaco,batitayeho ineza y’Igihugu!
Kandi birumvikana na Gélase Ndabirabe yarabivuze! Ngo murazogende iwabo Namwe mwidevereze nkuko bidevereza mu Burundi!! Leta rero igizwe n’Abantu nka Ndabirabe uca wumva uko ipanze!!!





Recent Comments