Thursday, March 30, 2023
HomeNews"ko wabuze ico ukora reka tukuyoze birya bicafu ube urakora ivyo" Gervais...

“ko wabuze ico ukora reka tukuyoze birya bicafu ube urakora ivyo” Gervais Ndirakobuca agabisha abashomeri birirwa i Bujumbura ataco bariko bakora.

Abashomeri baja hagati mu gisagara ca Bujumbura ataco baba bariko barahakorera bagiye kubahagurukira . Bivurwa n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca aho agirako atomora mu ngingo bagiye kubafatira zijanye ahanini no kubakoresha ku nguvu ibikorwa bijanye n’isuku ry’igisagara.

Mu nama yagiranye mw’iy’indwi turiko dusozera n’abajejwe intwaro bo mu gisagara ca Bujumbura, Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko agiye gufatira ingingo ruhasha abaja hagati mu gisagara ca Bujumbura ata kazi kaboneka bahafise. Zimwe muri izo ngingo , harimwo kubakoresha ku nguvu ibikorwa bijanye n’isuku mu gisagara ca Bujumbura mbere bakazobatombereza mu bibanza vyananiranye mu gukorwa.

“Murabona ya kanevo ya hariya mu Ruvumera irimwo ibicafu vyinshi, ntituraba ngo wambaye ikaravate, tukudiburiramwo n’igipawa uyore ushira mw’ikamyo baje gusesa. (…)Ko wabuze ico ukora , reka tukuyoze birya bicafu biri hariya nyene ube urakora ivyo. Ivyo n’ivyo tugiye gukorerako ubucafu bwose buhagarare mu gisagara” Niko Umushikiranganji wa mbere yavuze.

Gervais Ndirakobuca asa n’uwugereranya abo bashomeri nk’abasuma kuko ngo batahana amafaranga atawubona ico bakora. Akongera akavuga ko aribo batuma bigorana kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura ngo kuko bongereza igitigiri c’abakenera imiduga yunguruza abantu.

Umushikiranganji wa mbere ntashimishwa kandi n’urwaruka avuga ko rwananiwe amashure maze rukaza mu gisagara ca Bujumbura, aha akabahanura ruguru iyo bavuka bafate isuka barime ngo kuko abatama n’abatamakazi bashobore kurima ibitunga igihugu.

Must Read