Knwoless na Clement berekeje i Dubai aho bazomara iminsi 3.

0

Nyuma yo gutahukana ihiganwa Primus Guma Guma,umuririmvyikazi w’umunyarwanda Butera Jeanne D’arc azwi nka Knwoless yafashe urugendo yerekeza mu gihugu ca Dubai aho agiye gukora igiteramo kw’igenekerezo rya 29/8/2015,igiteramo yatumiwemwo n’abanyarwanda n’abarundi baba mu gihugu ca Dubai,igiteramo citwa Rwanda Burundi Party.
butera
Mu kiganiro Knwoless yahaye bagenzi bacu bo muri inyarwanda.com,knwoless akaba yavuze ko ajanye akanyamuneza ntangere nyuma yo gutahukana ihiganwa Primus Guma Guma super star kandi ko ico arico giteramo ca mbere azoba akoze nyuma yo gutahukana ihiganwa Primus Guma Guma.
knwoless
Knwoless akaba yahagurutse ku kibuga c’indege c’i kanombe i kigali arikumwe n’uwusanze amufasha mu mwuga wiwe wo kuririmba ariwe Ishimwe Clement.