Knwoless Butera agiye kuja mu biteramo i Dubai

0

Umuririmvyikazi w’umunyarwanda Butera Knwoless yatumiwe mu giteramo categuwe n’abaganda kizobera Dubai kw’igenekerezo rya 29/8/2015 kikazohuza abarundi,abanyarwanda n’abandi bakunzi b’umuririmvyikazi Knwoless.

knwoless
Mu kiganiro bagenzi bacu ba inyarwanda.com bagiranye na Clement Ishimwe uwusanzwe afata mu mugongo Knwoless Butera akaba n’umuyobozi w’umugwi Kina Music uyo muririmvyikazi Knwoless asanzwe abarizwamwo, Clement Ishimwe yatangaje ko atagihindutse,Knwoless azokwitaba ico giteramo kizobera Dubai.

butera kwoless
Clement akaba yabandanije avuga ko imyiteguro yico giteramo bise RWANDA BURUNDI PART igeze kuri 70/100,gusa ngo ntibiremezwa neza kuko batarashira umukono ku masezerano bagiranye n’abatumiye Knwoless.

Tubibutseko knwoless ariko arahiganirwa irushanwa PRIMUS GUMA GUMA(PGGS5) N’abandi baririmvyi 9 bo mu Rwanda.