Kiyenzi : Umutekano ubandanya guhungabana

0

Ibiharuro bitangwa n’igiporisi c’Uburundi vyerekana ko abantu umunani bagirizwa ko bari mu mirwi irwana aribo bishwe, abandi bagera kuri cumi n’umunani bagirwa imbohe, i Kiyenzi muri Bujumbura rural, kuva umutekano utanguye guhungabana mu Burundi mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.

Igiporisi c’Uburundi, kibicishije ku muvugizi waco OP1 Pierre NKURIKIYE, kimenyesha ko abo bantu ari abicanyi bitwaje ibirwanisho, batanguye ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano kuva imyiyamamazo y’amatora itanguye, Petero NKURUNZIZA agashirwa imbere muri CNDD FDD mu kiringo ca gatatu.

Turetse mu gisagara ca Bujumbura ahadasiba kwumvikana urwamo rw’amasasu hamwe n’abantu bagandagurwa, umutekano ubandanya guhungabana mu ntara ya Bujumbura rural, muri zone Kiyenzi iri muri komine Kanyosha. Abategetsi bo muri iyo zone bemeza ko amasasu adasiba kwumvikana mu bice bitandukanye.

AFP

Jean Berchmas MUNZERERE, musitanteri wa komine Kanyosha, amenyesha ko uwo mutekano muke wo mu Kiyenzi uturuka ahanini ku bantu bitwaje ibirwanisho bacumbitse muri ako karere, bakaza barakora ibitero ku bajejwe umutekano. Aho twobibutsa amasasu yumvikanye ku musozi wa Buhina, ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere.

Abanyagihugu bo muri Kiyenzi basaba abegwa n’ibibazo vya poritike, kugira Uburundi ntibusubire mu ngwano buhitiyemwo kuva mu mwaka w’1993 gushika mu 2005.

Tubamenyeshe ko gushika ubu ata murwi n’umwe uriyitirira ku mugaragaro ibitero bibera mu mihingo itandukanye y’Uburundi