Kirundo : Umugabo yagirizwa ubwicanyi yafatanwe inkoho

0

Igiporisi c’Uburundi cemeza ko cafashe kuri uwu w’Imana umuntu yagirizwa ko ari mu bakoze ubwicanyi bwahitanye abantu babiri abandi batatu barakomereka.

Mu giporisi bavuga ko uwo yafashwe ari mu murwi w’abagizi ba nabi batatu bakoze ubwicanyi muri komine za Kirundo-Mwenya, hamwe na Vumbi-Rwisuri ku magenekerezo ya 6 hamwe no kw’igenekerezo ry’indwi Mukakaro 2018, mu ntara ya Kirundo.

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, uwo yafashwe yaciye yerekana inkoho yo mu bwoko bwa Kalachnikov, iri kumwe n’amasasu umunani, iyo akaba ariyo mu giporisi bavuga ko yakoreshejwe mu kugandagura abo bantu.

Amakuru atangwa n’igiporisi abandanya amenyesha ko iyo nkoho ari iyari yibwe mu mpera z’umwaka w’2017 umuporisi w’Uburundi yakorera ku kirindiro c’i Bwambarangwe.

Abandi bantu babiri bagirizwa ubwo bwicanyi nibo bakironderwa n’igiporisi.