Kireko mu nyambaro ziranga umugambwe CNDD FDD

0

Mu gihe ku musi w’ejo vyari bigoye ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi biyamamaza kuko ngo kwari ukugumura abantu, uno musi mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi haguma haboneka abantu bambaye impuzu z’umugambwe CNDD FDD aho bimenyeshwa ko bari mu myiyerekano nabo.

11067879_1590589857885221_1767374715_o

Mu ntara ya Gitega aho bagenzi bacu basanzwe bahari babimenyesha ngo n’abakinyi ba Ninde bamwe bamwe baratanguye kuboneka ko binjiye muri uwo mugambwe uri ku butegetsi nkuko n’ama Foto aguma aboneka hirya no hino ku mihora ngurukana bumenyi avyerekana.

Mu bamaze kumenyekana muri uwo murwi wa Ninde barimwo ni Kireko asanzwe azwi cane ko ari nawe aserukirwa uwo murwi imbere y’amategeko eka n’umwe mubo basanzwe bakinana.