Kim Jong Un: Intambara Hagati ya Amerika na Koreya Ya Ruguru

0

Nkuko Ikinyamakuru International Business News ( IBT) kibivuga, Igihugu ca Koreya ya Ruguru cagabishije kuri uyu musi wa kane Ntwarante/02/2017 ko ‘kizogwanya ata kigongwe mu buryo bwa gisirikare’ Leta Zunze Ubumwe ZA Amerika na Koreya y’Epfo mu gihe Amerika na Koreya y’Epfo bosomborotsa igihugu gitwarwa na Kim Jong Un, nk’uko ikinyamakuru ca Leta ya Koreya ya Ruguru Korean Central News Agency( KCNA) cabitangaje.

Ivyo bivuzwe mu gihe Amerika na Koreya y’Epfo batanguye imyimenyerezo ya Gisirikare ejo ku musi wagatatu itariki 01/03/2017 iba buri mwaka, ikaba izorangira mu mpera yukwezi kwa kane nkuko Koreya y’Epfo yabivuze.

Umutegetsi mukuru mu gisirikare ca Koreya Ruguru yatanze itangazo kuri KCNA:”Imigwi myinshi y’ibikorwa vyagisirikare n’ibigwanisho ruhonyanganda vyazanywe muri Koreya y’Epfo no mu micungararo yaho vyamaze gutangura kwitegura kugira bitere Koreya ya Ruguru”.

Kim Jong Un Ai kumwe n’ingabo za Koreya ya Ruguru

Abandanya avuga ati: “Mugihe gusa abasoda ba Amerika na ba Koreya y’Epfo bokwihenda bagatera n’ibombe nimwe mu mazi aho igisirikare cacu gikorera, igisirikare cacu kizoca civuna ata kigongwe mu buryo bwa gisirikare. Bategerezwa kutigera bibagira ko ingabo zacu zama ziteguye kandi ko zama zigavye”.

Mu kwezi guheze, Ubushikirangaji bwa kwivuna abansi bwa Koreya y’Epfo bwagabishije ko Ubutegetsi bwa Koreya ya Ruguru ifise ‘ibigwanisho vyinshi vy’ubumara’ mu gihugu cose. Koreya y’epfo ikaba isaba ko Koreya ya Ruguru yofatirwa ‘ingingo Ruhasha’ kubera ivyo bigwanisho vy’ubumara.