Kim Jong Nam: Icamwishe N’ico Yazize Vyamenyekanye

0

Uwahoze ar’Umushikiranganji w’umutekano wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Leon Panetta, yatangaje k’urupfu rw’uwuvukana na Kim Jong Un,Umukuru w’igihugu ca koreya Ya Ruguru, rwerekana ko ata mutekano abategetsi ba Koreya ya Ruguru bafise. Panetta amenyesha ko bihuye n’ivyo bahora bikeka ku bijanye n’ubutegetsi bw’ico gihugu.

Kubwa Panetta ngo bigaragara ko umuntu wese afise ivyiyumviro bidahwanye n’umurongozi wa Koreya ya Ruguru, ashobora kwicwa. Kim Jong Nam, yarafise imyaka mirongo ine n’itanu, yapfuye itariki cumi na zitatu z’uku kwezi kwa kabiri, ahawe uburozi n’abagore babiri bamusanze ku kibuga c’indege co muri Malaisie, I Kuala Lumpur.

Kim Jong Nam arikumwe na Kim Jong Un

Kur’uyu wa gatanu, igipolisi co muri Malaisie catangaje ko uburozi bwahitanye Kim Jong Nam buri mu bwoko bubujijwe bw’ibigwanisho vy’ubamara, Igihugu ca Koreya ya Ruguru kitigeze giterako igikumu. Igipolisi co muri Malasie kimenyesha ko cafashe abagore baregwa kw’aribo bahaye uburozi Kim, kandi ko gitegekanya gukora amatohoza ku bandi bantu indwi baturuka muri Koreya ya Ruguru, harimwo n’umukozi wo mu biro vy’uwuserukira Koreya ya Ruguru muri Malaisie.

ubwo bumara bwishe Kim Jong Nam bwiswe VX Nerve Agent mu congereza nikigwanisho c’ubumara gikomeye cane cakozwe n’abantu ciyamirijwe na ONU. Ubwo bumara ima rimwe ryabwo rirashobora kwica umuntu mu minota mikeye.

Rero ubwo bumara bushobora kuba bwatanguye kwonona ubwonko bwiwe hama aca apfa mu minuta itarenze cumiitanu atwawe kwa Muganga.