Mukiganiro Jean-Pierre NIMBONA Kidum batazira Kibuganizo yahaye abamenyeshamakuru , hari tumwe tumwe mutubazo yashimye gutanga umuco twerekeye ivyo yaciyemwo , ivyo yibaza kugira abaririmvyi b’abarundi batungwe n’umwuga wabo ndetse nivyo agona mubijanye n’ubuzima bwiwe muri kazoza.
Kidum kukibazo cerekeye ukuntu atarararirimba n’umuririmvyikazi n’umwe w’umurundi , yamenyesheje yuko : ’’ Kubona naririmvye na Fizzo, Rally-Joe hamwe na Sat b nuko banyeretse ko bafise ishaka , kandi baririmba bafise icobagamije mubijanye n’iterambere ryabo muri kazoza .’’ Igituma atararirimba na rimwe n’umuririmvyikazi w’umurundi nuko ngo batitwararika cane mumuziki ,umengo n’ukwiryohera gusa, ico yabahanuye nuko bokwitwararika cane , bakunde umwuga wabo ,bareke gutinya biyumve ko bashoboye hanyuma tubashoboze .
Tubamenyeshe ko Kuva atangura kuririmba abo amaze kuririmbana nabo hari Juliana KANYOMOZI umugandakazi , Lady Jay Dee umunyatanzaniya , Sanaa umunyakenyakazi … Ikindi kibazo nkoramutima Kidum yishuye nikubijanye n’amatora , yatanze iciyumviro ko hotegurwa igiteramo kubaririmvyi bose bazwi bafise n’izina mugihugu baremeshe abantu , bishobotse baririmbe indirimbo imwe ( Collabo) , yamenyesheje kandi yuko ataciyumviro afise cokwitoza kuko yitoje ntivyomukundira ko aheba umuziki . Mu Burundi bareke abaririmvyi bisanzure muvyokuryosha abantu mubiteramo (Karaokey ) kuko muri rusangi muri Kenya biratuma abantu batari bake babaho neza kuko uwudandaza araronka , umuririmvyi akaronka ndetse n’igihugu kigatera imbere . Kidum muvyo yaguma agaruka avuga n’ugufashwa kw’abaririmvyi b’abarundi , bafatwe mumugongo , bashigikirwe , bakoreshwe n’amashirahamwe akomakomeye mugihugu kugira batere imbere , ndetse babeho kubera umwuga wabo . Igiteramo cambere azogikorera kuri Havana , ukwinjira n’amahera ibihumbi 20 , icakabiri agikorere ku Muzinda ,muntara ya Bubanza , ibirometero 12 uvuye mugisagara ca Bujumbura kuri Snack Bar Liany, ibihumbi 3 vy’amarundi nivyo bizorihishwa kumuryango .
Sources : Afrifame
Recent Comments