Umuririmvyi w’igihangange ndetse biboneka ko ariwe aserukira abandi baririmvyi mu makungu bivanye nuko ariwe akenshi akunze gukorera ibiteramo vyinshi hanze y’igihugu, harimwo nahano muri Leta zunze ubumwe za America ( Kidum ) ubwiwe yagize ico avuga kubasanzwe bibaza ko yahinduye ubwenegihugu.
Kubwuno muririmvyi avuga ko ari umurundi ndetse ngo nivyo boba bamuvugako ko yahinduye ubwenegihugu ngo ni ukwibesha, we ngo yabaye hanze y’uburundi imyaka irenga 30 ariko ntivyatumye ahindura ubwenegihugu nkuko benshi bavyibaza.
Kidum yagize ati : Kuva ntangura ingendo Passport yanje n’iyikirundi, Ndi umurundi,navukiye mu Burundi,naragiye kandi narabaye hanze y’u Burundi igihe kirekire,nakoze akazi kanje k’umuziki imyaka 30 hanze y’u Burundi”, ”Sinigeze mpindura ubwenegihugu nkuko vyavuzwe cane,u Burundi n’igihugu canje,naho kitontera iteka,jewe nzogitera iteka imuhira no mu makungu”
Recent Comments