UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

KIDUM ati : Abamenyeshamakuru bafasha mw’iterambere ry’umuziki mu gihugu c’Uburundi nibikebuke .”

Umuririmvyi w’umurundi Jean Pierre NIMBONA KIDUM asanzwe aba mugihugu ca Kenya , akaba ariwe afashe ibendera mubaririmvyi bakora ibiteramwo vyinshi hanze y’Igihugu.

Kidum n’umwe mubaririmvyi bahanura kandi baryosha ikirori babikeneye , inyuma y’ingendo yagize mubihugu bitandukanye vy’iburayi , yagarutse kuri bimwe bimwe vyamuryoheye n’ugukura ikiri kumutima kuvyo abona ko bituma umuziki w’i Burundi ugenda usubira inyuma. Inyuma yibisigaye bivugwa hirya no hino mugihugu c’Uburundi kuvyerekeye iterambere ry’umuziki , Kidum yavuye mugacerere atangura kwibutsa yuko :” Nahejeje ivyanzanye hano muri Europe kandi nanejerejwe cane nukuntu vyagiye biragenda guhera mubudagi gushika hose naciye nja munyuma : Norvege, Belgique na Hollande . Ndashimiye nababiteguye bose . Mvuye Anverse niyunze nishirahamwe Solidaf . Societe ijejwe kuzana imizigo muri africa cane cane muri East africa . Ndi umwe mubagize iryo shirahamwe novuga yuko tugiye mu rwego rwabagwiza tunga ariko tugitangura kuvyura umutwe, Mvuye mu bubiligi ndahakoze spectacle zitatu kandi mubisanzwe bigoye benshi barabizi ibi vyose ni vyiza .

Igiteramwo Kidum yakoreye mugihugu c’Ububirigi.

Yongeye yibutsa ikintu gikomeye cane kizotuma kumbure umuziki w’i Burundi utera imbere , yavuze ati :” Ariko hariho kimwe ngira mbwire abo muri Media bajejwe aba artistes i Bujumbura . Par exemple nkubu mu Burundi ibinyamakuru vyomuburundi bitanguye kuza biravuga amakuru yo mubundi bihugu gusa hako bavuga amakuru yo mu Burundi vyogenda gute ? Par exemple ibinyamakuru bitanguye biravuga bibi gusa vyongaho iwacu ariko bikavuga vyiza gusa biba mubindi buhugu vyogenda gute? Aba animateurs bo kuma radio muguma mutera amashurwe aba artistes bo mubindi bihigu abanyu mukabafatira ibihano vyogucisha umuziki wabo kuma radio ari mugihugu cabo muba muriko murisamburirako nk’impene .Ninde azogukundira umwana wawe wewe utabanje kumukunda ? Muzombaze umusi umwe ivyo dufise muri musique aho i bujumbura dusumvya abandi bose muri East Africa ariko mwebwe mutazi kandi navyone muguma mubiponda mukubicinyiza kandi kubera kutamenya . Muratumira abandi ba artiste aho i Bujumbura mukabaha amahera menshi ariko abiwanyu mukabaha intica ntikize kandi ubiravye badasumba abanyu ubuhinga ubwaribwo bwose . Mumbwire kuvy’ukuri ntimubona yuko mukiri mubu colonie bwokuguma mukengera ivyanyu nabiwanyu ariko mukaguma muhurumbira ivyohanze. Ibihugu nka vyose bisigaye vyarahindukiriye gukunda ivyabo nokubioteza imbere mwebwe mushaka natwe dutangure ryari ? Birababaje kubona aba animateurs bose biyunga mugushira kumusaraba ngo nabambwe umu artiste nka Fariaz kandi bakanezerwa ngo ni ikintu ciza bariko baragira . Muriko murica industrie musicale kandi ataho irashika ikiri hasi . Muriko muraca intege abantu gukunda aba artistes babo kubera atabintu vyiza muvuga bakora . Umu animateur wokwi radio ahera mugitondo avuga ivyiza bikorwa naba artistes bo muri Tanzania, Nigeria, America jewe nca nibaza ubwambere yuko uyo mu animateur yoba ari umu Tanzania canke kwiradio ni abanyamahanga basigaye bahakora ? kubera sinibaza ko muri Tanzania canke ahandi bofata umwanya nkuyo bavuga aba artiste bo mu Burundi . Nimwikebuke ! Nimwikebuke! nimwikebuke! ”

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments