UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Kidum arababazwa cane nino ngeso ikomeye yadutse mu barundi ” soma hano wunve uko yavuze

Umuririmvyi wigihangange w’umurundi amaze kubaka izina mukarere ka Africa yubuseruko ( Kidum ) arababazwa cane ningeso ikomeye yadutse mu barundi yo gutuka igihugu cabo mubanyamahanga.

Kidum

Ivyo rero uno muririmvyi akaba aheruka kubivugira mu giteramo cari citiriwe (You will love the Change ) aho mumajambo yahavugiye, we yasavye ko abarundi hamwe n’abarundikazi bokunda igihugu cabo cu Burundi.

Kidum yagize ati : Barundi barundikazi iki gihugu tugikunde, ntidushobora kumenya uwutwara nuwudatwara ariko twebwe dukunde igihugu cacu, ntimurindire rero ko umunyamahanga aza kubabwira ko mufise igihugu ciza. Hariho ingeso mu barundi yiyadukije yo gutuka igihugu cabo mubanyamahanga, umuntu akibaza ko ariko aratuka leta, kandi Leta muzi ko imara imyaka itanu ikabisa iyindi, abanyamahanga bose baza ngaha bagenda baravuga ko igihugu cacu kwari ciza, birambabaza cane kubona twebwe atavyo tuzi ariko bikavugwa n’abantu bo hanze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments