UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Kidum akomeje kwerekana ko ari igihangange muri America ” Raba hano ibintu bidasanzwe ariko arakora.

Umuririmvyi w’igihangange yamamaye cane mukarere ka Africa ” Kidum, kuba ariwe muririmvyi wenyene w’umurundi akorera ibiteramo vyinshi cane hano muri Leta zunze ubumwe za America, biri mu bituma izina ryiwe riguma rimenyekana kwisi yose ndetse sinico gusa ahubwo nu Burundi bubandanya bumenyakana mumakungu biciye kuriwe.

kidum

Kidum kano kanya abarizwa muri ( Phoenix arizona ) nkuko biboneka kandi vyemezwa namugenzi wacu asanzwe arumurongozi mukuru wa GLM Entertainment , uno muririmvyi rero akaba afise igiteramo kidasanzwe azokoresha ejo kwigenekerezo rya ( Jan 31, 2015).

kidum with bagenzi
Umuririmvyi Kidum arikumwe n’umurongozi mukuru wa GLM Entertainment asanzwe kandi arongoye site ya INDUNDI

UBM News mukurangiza, tubibutse ko atawundi muririmvyi akunzwe cane mu Burundi amaze kuza gukorera ibiteramo hano muri America ” akarorero ni Big Fizzo, Sat B, Lolilo, Mkombozi hamwe n’abandi, murabo baririmvyi umwe mubo twaganiriye tumubajije ko yoba afise imipango yo kuza guteramisha aba fans biwe ino , we yatubwiye ko atavyazi kandi kwatavyo ariko arategura ubwo Kidum kuba ariwe abandanya aza gukoresha ibitaramo ino muri America, vyerekana neza ko afise kazoza keza ko guteza imbere umuziki w’Uburundi ndetse tukaba tumukeje kurico gikorwa abandanya akora co kumenyekanisha u Burundi mumakungu abicishije m’umuziki akora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments