Ababonye ico gitero bavuga ko abantu bitwaje ibirwanisho bateye mu kibanza c’ubudandaji muri karitiye y’abahindi, mu gace ka Lamu,.
Bateye kandi níkigo c’igipolisi ca Gamba, mu gace ka Tana River, mw’ijoro ryakeye.
Umuhari wo muri Somalia Al Shabaab wemeje ko ariwo uri inyuma y’ubwo bwicanyi.
Uwo murwi umaze kugaba ibitero bitari bike muri ako karere.
Ababibonye bavuga ko abantu bafise ibirwanisho biyadukije bagatangura kurasa mu bantu ikivunga.
Umukuru w’akarere, Miiri Njenga, yabwiye iyandikiro ry’amakuru Reuters ko bimwe mu biro vya leta n’izindi nyubakwa vyaturiwe.
Abahasize ubuzima bose ni abantu bakuze kiretse umusore yarashwe ariko agerageza guhunga, nk’uko bivurwa n’iyandikiro ry’amakuru ry’abafaransa AFP.
Umugore umwe yavuze ko bamutuririye inzu, ariko bagasiga bamubwiye ko badashaka kwica abagore.
Abateye ngo bavuga ko bakoze ico gitero kubera ubutaka bari bigaruriye buriko burafatwa.
Ishirahamwe Croix Rouge rivuga ko abantu icenda aribo bishwe, barimwo umupolisi umwe mu gace ka Gamba, uwundi muntu umwe yabuze irengero.
Leta nayo ivuga ko hari abantu 20 baguye mur’ico gitero co muri Gamba.
Abitwaje ibirwanisho bateye ikigo c’igipolisi babohoza umuntu umwe yari yafashwe igihe c’igitero ca Al shabaab haraheze indwi zibiri.
Umwe mu bapolisi yabwiye BBC ko igitiri c’abarekuwe kitari bwamenyekane
Ibitero muri ako gace ka Lamu vyabaye mu ntango z’ukwezi guheze vyahitanye abantu 60.
Sources : BBC
Recent Comments