Igihugu Ca Kenya caraye kirungitse umurwi wa mbere w’abasirikare karuhariwe mu kurwanya Umwansi mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo mu ntumbero yo gufasha MONUSCO kugarukana amahoro n’umutekano.

Kenya yongeye kurungika abasirikare mu gihugu ca Kongo kuja gufasha MONUSCO kugarukana amahoro n’umutekano.hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 myandagaro 2024 aho umurwi wa mbere w’abasirikare karuhariwe w’icontingent ya 4 mu kurwanya umwansi batangura kugenda.
Ibirori bikaba vyabereye kukibuga c’indege mpuzamakungu Jomo kenyatta birongowe na Komanda Stephen Kapkory arongoye abasirikare barwanira mu kirere mw’ikambi ya Embakasi.
Aba basirikare bakaba bagiye gukora ibikorwa bitandukanye harimwo ibikorwa vyo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho,gukingira aba sivire,kwaka ibirwanisho,gusubiza mu buzima busanzwe.
Nta gihe kihaciye hari abasirikare ba Kenya barungitswe muri kongo,mu mwaka uheze wa 2023 abasirikare ba Kenya bararungitswe muri kongo mu nyuma abategetsi ba kongo babagirizwa gukorana n’umuhari m23 urwanira mu buseruko bwa kongo ivyatumye bakura akarenge bataha mu gihugu ca kenya.





Recent Comments