Kenya: Uhuru kenyatta avuga ko Uruzuba Rwatse Ari Icago ku Gihugu Cose

0

Umukuru w’iguhugu ca Kenya yatangaje ko hatse uruzuba, ivyatumye hafi igice c’igihugu cose gishikirwa nurwo ruzuba, ko ari icago ku gihugu cose.

Uhuru Kenyatta akaba yasavye imfashanyo iva mu makungu kandi akaba yavuze ko ubutegetsi bwa Kenya buzokwongereza ugutanga imfungurwa ku bazikeneye cane.

Uhuru Kenyatta, Umukuru wa Kenya

Ishiramwe Croix Rouge muri Kenya rivuga ko abantu imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana indwi(2 700 000) bahanzwe n’amapfa nihatagira imfashanyo yindi yiyongera kugira bafashwe.

Ibindi bihugu vyo mu karere navyo nyene vyarashikiwe n’urwo ruzuba. Muri Somalia, hafi igice c’abanyagihugu barahanzwe n’ubukene bw’ibifungurwa kandi Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko hashobora kuba inzara mu bice vyinshi vy’ico gihugu. Mu gihe haka uruzuba mu 2011, inzara yishe abanyasomalia bagera kuri 25 000.

Nkuko yabivuze ku muhora ngurukanabumenyi w’ibiro vyumukuru w’igihugu wa Kenya, www.president.go.ke , Kenyatta yavuze ko leta yiwe yashize ku ruhande amafaranga angana n’imiliyoni 105 y’amadolari y’abanyamerika kugira ihangane n’ico kiza c’uruzuba casinzikaje abanyagihugu, ibitungwa n’ibikoko vyo mw’ishamba mu turere 47 two muri Kenya.

Uhuru Kenyatta avuga ati: “Imfashanyo ivuye kubodufasha yokwongerereza kuvyo leta yoba yafashije kugira igabanye ingaruka z’ikiza c’Uruzuba”.

Kenyatta yavuze kandi ko ukugura kwose kw’ibidandazwa vy’ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa bizokorwa mu buryo buri mu muco.

Kenyatta yavuze ati: “Sinzokwihanganira umuntu uwari we wese yogerageza kurondera inyungu muri iki gihe hatse uruzuba mu kugunga abanyagihugu”.