UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Kenya : Al Shabaab iheruka kwica abarenga 60 ariko ubuho ivyo baraye bakoreye bano bagore biteye ubwoba

UBM News ads

Abanyekenya baba mu bigwati abarwanyi baraye bateye, babwiye BBC ko banyuruje abagore bashika ku mirongo ibiri.
Abantu barenga mirongo itandatu nibo bimaze kumenyekana ko basize agatwe mu bitero vyabaye amajoro abiri akurikirana mu micungararo y’umuji wa Mpeketoni.

Ishirahamwe ritabara imbabare, Croix Rouge, ryo muri Kenya rivuga ko abantu bashika ku mirongo itanu atawuzi irengero ryabo.
Kenya ikeka “amabandi”

Umugwi w’abarwanyi ba ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab, uvuga ko ariwo wagavye ivyo bitero, ariko umukuru w’igihugu wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yavyegetse ku migwi y’amabandi yo muri ako karere.

Al Shabaab ivuga ko izobandanya ibitero muri Kenya gushika ico gihugu gikuye abasirikare baco muri Somalia.
Mu 2011 Kenya yarungitse muri Somali abasirikare bo gufasha leta y’ico gihugu gutsinda Al Shabaab.

Sources : BBC

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments