Kent-P:Imana ishimwe kubona naraye nkwije imyaka 27 y’amavuka

0

Umuhinyanyuzi akomeye cane hano mu gihugu c’uburundi ariwe Kent-p yaraye akwije imyaka 27 y’amavuka nkuko uyo muhinyanyuzi yashoboye kubibwira ikinyamakuru canyu ubmnews.
kent-p pro
Kent-p akaba yarashoboye kugaragaza umunezero wiwe kubona akwije imyaka 27 y’amavuka,kent-p akaba yarashoboye kuyaga n’ikinyamakuru canyu ubmnews aho yatubwiye ko ashimira cane Imana yo yashoboye kumutiza ubuzima akaba ashikanye imyaka 27 ari muzima,yarashimiye kandi umuvyeyi wiwe ariwe mama wiwe kubona yaramushize mu nda amezi icenda,yarangije ashimira cane abagenzi biwe ,incuti n’ababanyi bo bama bamuri hafi mu mahigwe no mu magogwa.
pro
Tworangiza tubamenyeshako ibirori vy’isabukuru vyabereye aho uyo muhinyanyuzi asanzwe aba muri zone ya buyenzi,ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n’abaririmnvyi bamwe bamwe n’abamenyeshamakuru.