Kanyosha : Umunywanyi wa CNDD FDD yafashwe yagirizwa urupfu rw’umunyagihugu

0

Imbonerakure izwi kw’izina rya Donatien HATUNGIMANA, hamwe n’abandi bantu bane nibo bari mu minwe y’inyamiramabi, mu ntumbero y’amatohoza ku rupfu rw’umunyagihugu wo ku Muyira, intara ya Bujumbura rural, yishwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere.

fdd

Dieudonné NYANDWI w’imyaka 37 y’amavuka yariko arataha nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, ari kumwe n’umugore wiwe Esperance KAMARIZA. Bageze i Sororezo muri komine ya Kanyosha, bahuye n’umuntu yambaye ikoti ndende, arabahagarika, arasa mu gikiriza Dieudonné NYANDWI, aca ariruka. Uwo yarashwe yitavye Imana mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, mu bitaro aho yari yatwawe kuvurizwa.

Abanyagihugu bo ku Muyira komine ya Kanyosha bariyamiriza ubwicanyi bubandanya kwibonekeza muri ako karere, bakamenyesha ko uwo yagandaguwe ata poritike yarimwo, kandi ko yari abanye neza n’abandi. Abo banyagihugu basaba ko amatohoza yokorwa, abagandaguye uwo munyagihugu bagashengezwa mu butungane.

Abantu batanu nibo bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza, muribo hakaba harimwo imbonerakure ya CNDD FDD izwi kw’izina rya Donatien HATUNGIMANA.