Kanyosha: Umukenyezi yahora akora muri REGIDESO yatowe ari ikiziga

0

Ikiziga c’umukenyezi azwi kw’izina rya Lydia Nibogora caratowe inyuma y’umutaga wo kuri uno wa gatanu muri quartier ya Kizingwe ,iri muri komine ya Kanyosha.

Amakuru ava mu babanyi biwe aho yari asanzwe aba muri quartier ya 2 ya Jabe ,muri zone ya Bwiza, Lydia Nibogora yari asanzwe akora mw ‘ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO yatonze ku mirimo mu gatondo ko kuwa gatanu nk’abandi bose, yasubiye gutorwa ari ikiziga.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ikiziga ca Lydia Nibogora catowe gifise ibikomere mu mutwe, kandi amaboko aboshe.

Mu muryango wa Lydia Nibogora bavuga ko gushika ubu bataramenya icatumye yicwa. Lydia Nibogora akaba asize abana babiri.