Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsKanyombya nyuma yo guheza kugonga umuntu hanyuma agaca agiraho umukubita, iki nico...

Kanyombya nyuma yo guheza kugonga umuntu hanyuma agaca agiraho umukubita, iki nico kintu gitangaje nawe yakorewe !

Kumugoroba wo kumusi wa 3 nk’igihe c’isaha cumi nimwe n’igice niho Kanyombya yagonga umukenyezi ahitwa Biryogo mugisagara ca Kigali.Abantu babonye ingene vyagenze bavuga ko batari bamenye ko yoba ari impanuka yabaye ahubwo bibaza ko ariko arakina ireresi bivanye n’ukuntu yavyifashemwo.

Inyuma yaho Kanyombya agonze uwo mukenyezi akagira ko amukubita urushi,hirya haje uwundi mukenyezi avuga ko ari uwiwabo n’uwagonzwe asa n’uwushwanira Kanyombya hanyuma nawe amuha urushi rwo kwitama,abantu bari ngaho bavuga ko ivyo bariko barabona vyasa nkaho ari ireresi bariko bararaba bitewe nuko bamuzi mugukina amareresi atwenza.Nyabenda J.Baptiste ,umwe mubababonye ingene vyagenze avuga ko batanguye bibaza ko atanguye vyabintu vyiwe vyo gutwenza abantu ,ariko inyuma yaho abantu baje ari benshi bashaka kumukubita hanyuma igipolisi naco kikaza gutabara gica kiramujana ngo niho batangura kubona muvyukuri ko atari ivyo gufyina.Nyabenda abandanya avuga ko icamubabaje ari uko atari afise camera muri uwo mwanya kugira afate ayo mashusho atwengeje kuko ngo vyari bitwengeje cane kuko aho guhoza uwo ahejeje kugonga ngo arabe ko ataco yabaye ngo yaciye amutarukirako n’amakofe hanyuma uwugize ngo aravuze nawe aba ariye urushi.

Ikindi kintu gisa nigitwengeje nkuko Nyabenda abandanya abivuga ngo ni ukuntu igipolisi kimaze kumukura muri abo bantu ngo yaciye yambikwa minotte hanyuma bamwuriza imodoka bamwicarika imbere hanyuma imodoka ihagurutse Kanyombya ngo yaciye yugurura ikiyo c’imodoka aca asezera abantu akoresheje ukoboko atwenga.Nyabenda akavuga ko bitangaje kubona Kanyombya ajanwa imbere mu modoka hanyuma abapolisi bamwe bakaja inyuma hejuru,ni mugihe tumenyereye umuntu afatiwe mu mafuti baca bamwuriza inyuma.

Sources : Afrifame

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments