Kanyankore Gilbert Yaounde yakombowe kumabanga yo kumenyereza Vitalo’o fc

0

Iyo umuntu avuze amateka y’umupira w’amaguru mu Burundi ategerezwa kuvuga umumenyereza Yaounde
kuko n’umwe mu bamenyereza biyubakiye amateka adasanzwe mu mupira w’amaguru hano mu gihugu c’uburundi.

Kur’uno munsi mu gihe dusozera umwaka wa 2015 tugatangura uwundi mwaka niho abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi na cane cane abakunzi b’umugwi wa Vitalo baronka inkuru ivuga ko uwahora ari umumenyereza wuyo mugwi imyaka itari mike mbere amaze no kubaha ibikombe vyinshi harimwo nica Cecafa Kagame cup Yaounde ko yakombowe akazosubirirwa na Etienne

yaounde

Iyo nkuru ikimara kumenyekana abakunzi ba Vitalo bamwe bamwe bakaba batakiriye neza iyo nkuru kuko yaounde yari umumenyereza yahora abafasha cane,ndetse n’abakinyi bamwe bamwe bakaba batashimishijwe niyo nkuru

kanyenkore

Tworangiza tubamenyesha ko Younde yakombowe nuwusanzwe atwara uyo Mugwi ariwe Benjamin Bikorimana